Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Baca mu gihugu c’i Furugiya n’i Galatiya, babuzwa na Mpwemu Yera kuvuga ijambo ry’Imana muri Asiya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Pawulo na bagenziwe baca mu ntara za Furugiya na Galatiya, kuko Mpwemu Yera yari yababujije kuvuga Ijambo ry’Imana muri Aziya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:6
31 Referans Kwoze  

Amazey’ imisi avayo, aca mu gihugu c’i Galatiya n’i Furugiya, aja mu bisagara uko bikurikirana, aremesha abigishwa bose.


mfatanije na bene Data turi kumwe bose kubandikira, abo mu mashengero y’i Galatiya.


Bashitse ahabangikanye n’i Musiya, bagerageza kuja i Bituniya, Mpwemu wa Yesu ntiyabakundira:


Mpwemu ambarira kujana na bo, ata tandukaniro. Kandi na bene Data aba, ukw ari batandatu, turajana, twinjira mu nzu y’uwo mugabo.


Petero, intumwa ya Yesu Kristo, ndabandikiye abātoranijwe b’inyambukīra zo mu bāsanzariye i Ponto n’i Galatiya n’i Kapadokiya no muri Asiya n’i Bituniya,


Dema yarantaye, kukw akunze iyi si ya none, yīgīra i Tesalonike: Keresikenti yagiye i Galatiya: Tito yagiye i Dalumatiya.


Yemwe Bagalatiya b’ibijuju, ni nde yabaroze, kand’ ari mwebge mweretswe Yesu Kristo abambge, mu maso yanyu?


Bimara imyaka ibiri bimeze birtyo: nukw ababa muri Asiya bose bumva ijambo ry’Umwami wacu, Abayuda n’Abagiriki.


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yar’ abīkiwe kuragwa: nukw agenda, atazi iy’ aja.


Urazi yukw abo muri Asiya bose banteye ibitugu, mur’ abo umwe ni Fugelo na Herumogene.


Kuko bene Data, tutagomba yuko mutamenya amarushwa yatubayeko muri Asiya, ko twaremerewe cane, biruta uko dushobora, bigatuma twihebura ko tutagikiza amagara yacu:


Nuko ku vyo gukoranya ibitabara abera, nk’uko nageze amashengero y’i Galatiya, abe ari ko namwe mukora.


arikw ivyo vyose uwo Mpwemu umwe ni we abikorera muri bo, agabira umuntu wese ukw agomba.


Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


Kuko Paulo yari yagabiye guca i ruhande ya Efeso, kugira ngo ntatebe muri Asiya: kuko yihuta, ngo ni vyashoboka umusi wa Pentekote uz’ ushike ar’i Yerusalemu.


Abājana na we bashikana no muri Asiya ni Sopatero mwene Puro w’i Beroya, n’ab’i Tesalonike ni Arisitariko na Sekondo, bo na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, n’abo muri Asiya ni Tukiko na Tirofimo.


Petero aciyumvira ivyo yeretswe, Mpwemu aramubarira, ati Har’ abantu batatu bariko barakurondera.


kandi ni mwakikamira i buryo cank’ i bumoso, amatwi yanyu azokwumva ijambo ribaturutse inyuma rivuga, rit’ Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana.


nk’uko twabirazwe n’abāhereye ubga mbere ar’ivyabona vyavyo n’abasuku b’ijambo ry’Imana.


Ariko hava hasi abantu bamwe bo mw isinagogi y’Abaliberutino, n’iy’ Abanyakurene n’iy’ Abanyalekisanderiya, n’iy’ Abanyakilikiya, n’iy’ Abanyasiya, baja impāri na Stefano,


Mpwemu abarira Filipo, ati Ni wēgēre uriya mukogote, ugendane na wo.


Nukw iyo misi ndwi igira ishire, Abayuda bāvuye muri Asiya bamubonye mu rusengero, bavurunga ishengero ryose, bamushōrerakw amaboko,


Kandi muntahirize ishengero ryo mu nzu yabo. Muntahirize Epayineto, uwo nkunda, ni we yashurije abo muri Asiya bābaye aba Kristo.


Abo mu mashengero yo muri Asiya barabaganūtsa. Akwila na Purisikila barabaganutsa cane mu Mwami wacu, bo n’ishengero ryo mu nzu yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite