Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Umurinzi w’imbohe abarira Paulo ayo majambo, at’ Abacamanza baratumye ngo murekurwe, nuko rero ni musohoke, mwīgīre amahoro.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Wa murinzi w’ibohero aca abarira Pawulo ati: “Abacamanza bategetse ko mwe na Silasi murekurwa. None rero murashobora kwigira. Mugende amahoro.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:36
13 Referans Kwoze  

Bahamaze imisi, bene Data babasezera amahoro, ngo basubire ku bābatumye. [


Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho simbagabira nk’ukw ab’ isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.


Uwo murinzi yikanguye, abonye inzugi z’ibohero zuguruye, asokora inkota agira yiyahure, kuko yagira ngw imbohe zācitse.


Yesu aramubgira, ati Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro, ukire rwose icago cawe.


Elisa aramubarira, ati Genda amahoro. Ariko Namani avuyeyo, agenze akarēre gatoya,


None rero ni wītāhire, ugende amahoro, woye gutera ishavu abaganwa b’Abafilisitiya.


Nuko Dawidi amwākīrira ivyo amuzaniye; aramubarira, ati Ni wīdūgire, usubire i muhira amahoro; nukw ivyo uvuze ndavyumvise, ndakwemereye.


Maze Yonatani abarira Dawidi, ati Genda amahoro, ko twarahiye mw izina ry’Uhoraho, tukavuga, tut’ Uhoraho azoba hagati yacu no hagati y’ uruvyaro rwacu gushitsa ibihe vyose. Nuko Dawidi arahaguruka aragenda; Yonatani na we asubira mu gisagara.


Maze Eli aramwishura, ati Nuko ni wīgīre amahoro; Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye.


Uwo muherezi arabishura, ati Ni mugende uburarame: Uhoraho arabaragira mu rugendo rwanyu.


Mose aragenda, asubira kwa Yetiro sebukwe, aramubarira, ati Ndagusavye, undekure, nsubire ku b’i wacu bari muri Egiputa, ndābe yuko bakiriho. Yetiro yishura Mose, ati Genda amahoro.


Bamaze kubakubita inkoni nyinshi, babashira mw ibohero, babarira umurinzi kubarinda cane.


Ijoro rikeye, abacamanza batuma abagendanyi, bati Rekura abo bantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite