Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:35 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Ijoro rikeye, abacamanza batuma abagendanyi, bati Rekura abo bantu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Bukeye, abacamanza batuma abasoda kuri wa murinzi w’ibohero, ati: “Rekura abo bantu.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:35
9 Referans Kwoze  

Baramwemerera, maze bahamagaje intumwa, barazitonagura, barazīhanikiriza ngo ntizize zigishe mw izina rya Yesu, maze barazirekura.


Na bo bongeye kubahahiriza, barabarekura, babuze uko bobahana kubg’ abantu, kuko bose bāhimbaza Imana ku vyābaye.


muti Mbega nta n’ukuruha mumutinya? ni k’Uhoraho abajije; muti Nta guhindira agashitsi imbere yiwe, kand’ ari we yashinze umusenyi ng’ ubere ikiyaga akarimbi, ni co cagezwe kizokwamaho, ngo ntikikarēngāne? Mbere nah’ imipfunda yaco yosuriranya, ntiyowutsinda; naho yobomborana, ntiyowurēngāna.


N’ukuri uburake bg’abantu buzogushimisha, Uburake buzoba busigaye uzobukenyera.


Kandi ni bābajana mu masinagogi bakabashīra abakuru n’abaganza, ntimuze muhagarikire imitima ico mwireguza n’ingene mwiregura, n’ico muvuga.


Arabadūgana, abajana i we, arabagaburira, anezeranwa cane n’abo mu nzu yiwe bose, kuko yizeye Imana.


Umurinzi w’imbohe abarira Paulo ayo majambo, at’ Abacamanza baratumye ngo murekurwe, nuko rero ni musohoke, mwīgīre amahoro.


Abo bagendanyi babarira abacamanza ayo majambo: na bo baratinya, bumvise kw ar’ Abaroma,


Nuko Yosuwa abarira abaherezi, ati Ni mudūge, muve muri Yorodani.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite