Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Arabadūgana, abajana i we, arabagaburira, anezeranwa cane n’abo mu nzu yiwe bose, kuko yizeye Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Nuko abajana iwe, arabagaburira, kandi we n’abo mu nzu yiwe bose buzura umunezero kuko bari bizeye Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:34
26 Referans Kwoze  

Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro biva ku kwizera, kugira ngo murushirize kwizigira ibizoba, mubihawe n’ubushobozi bga Mpwemu Yera.


Kuk’ urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rukandemesha, kand’ imitima y’abera warayiruhuye, mwene Data.


Kandi si vyo vyonyene, arikw ikindi, tunezererwa Imana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.


Kand’ imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, kand’ i wabo bāmanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira akarohe,


Bana bato, ntidukundane mu majambo canke ku rurimi, ariko dukundane mu vyo dukora no mu kuri.


S’uko ndondera ingabire, ariko ndondera imbuto zigwiririkanya amaronko yanyu.


Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe.


yadushikanishije ukwizera mur’ ubu buntu duhagazemwo, kandi tunezerezwa no kwizigira kuzobona ubgiza bg’Imana.


azokubarira amajambo yo kugukizanya n’abo mu nzu yawe bose.


Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Umwami Imana ajana Filipo, inkone ntiyasubira kumubona, kuko yashishikaye kugenda inezerewe.


Yururuka vuba, amwākīrana akanyamuneza.


arikw akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunāwe uyu yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse.


Lewi amurondereza izimano ryinshi mu nzu yiwe: kandi hār’ abantu benshi b’abatozakori n’abandi bicaranye na bo basangira.


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


Muzovayo muri n’umunezero, muzorōngōra amahoro muvayo: imisozi n’uturambi bizoturika biririmbire imbere yanyu, ibiti vyose vyo mw ishamba bizokoma amashi.


Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa,


Amaze kubatizanywa n’abo mu nzu yiwe, aratwinginga, at’ Asangwa mubonye nd’uwizeye Umwami Yesu, ni muze i wanje, musembereho. Aratugōbēra.


Ijoro rikeye, abacamanza batuma abagendanyi, bati Rekura abo bantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite