Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Mur’ ico gihe nyene c’ijoro arabajana, abuhagira inguma z’inkoni, aca arabatizwa, bo n’abiwe bose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Iyo saha, muri iryo joro nyene, aca abajana kuboza ibikomere vyabo, maze we n’abo mu nzu yiwe bose baca barabatizwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:33
14 Referans Kwoze  

Kandi nabatije n’abo kwa Stefana: atar’ abo, sinzi ko har’ uwundi nabatije.


Amaze kubatizanywa n’abo mu nzu yiwe, aratwinginga, at’ Asangwa mubonye nd’uwizeye Umwami Yesu, ni muze i wanje, musembereho. Aratugōbēra.


Maze nko mu gicugu Paulo na Sila bariko barasenga baririmbira Imana, izindi mbohe zibumva,


Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu, arik’ urukundo rubatere gukorerana.


Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo.


Bamaze kubakubita inkoni nyinshi, babashira mw ibohero, babarira umurinzi kubarinda cane.


Yesu amuvugako, at’ Uyu musi agakiza gashitse mur’ iyi nzu, kuk’ uyu na we ar’ umwana wa Aburahamu.


Inzira z’umuntu iyo zihimbaye Uhoraho Atuma n’abansi biwe buzura na we.


babatizwa na we mu ruzi Yorodani, bātura ivyaha vyabo.


Bamubarira ijambo ry’Umwami Yesu, n’abo mu nzu yiwe bose.


Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’ imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite