Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 arabasohokana, arababaza, ati Bagenzi, nkwiye gukora iki ngo nkire?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Aca abasohokana hanze, ababaza ati: “Ba nyakwubahwa, nokora iki kugira ngo nkizwe?”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:30
16 Referans Kwoze  

Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?


Ndamubaza, nti Ngire nte ga Mwami? Umwami aranyishura, ati Va hasi, ushike i Damasiko, ni ho uzobaririrwa ivyashinzwe k’uzokora.


bati Yemwe bagabo, n’iki gitumye mugira murtyo? Natwe tur’ abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabgira ubutumwa bgiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,


Ishengero riramubaza, riti None tugire dute?


Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana.


Maze ni watabaza, jewe Uhoraho nzokwitaba; ni watakamba, nzovuga, nti Ndi hano. Ni wakūra ugutwaza igitugu hagati muri wewe, no gutūngira abandi urutoke, n’ibiyāgo bibi,


Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.


Na we abariwe artyo abashira mu nzu yo hagati, arobeza amaguru yabo mu mpatane z’ibiti.


Uyo aradukurikira twebge na Paulo, asemerera, at’ Aba bantu n’abasavyi b’Imana isumba vyose, kandi bababarira inzira y’agakiza.


ariko va hasi, ushike mu gisagara, uzobarirwa ivy’ ukwiye gukora.


None rer’ umuntu yoshobora ate kuba umugororotsi imbere y’Imana? Cank’ uwavyawe n’umugore yoshobora ate kuba ūtunganye?


Hahirwa abagira imbabazi, kukw ari bo bazozigirirwa.


Mbeg’ uku si kwo kwisonzesha nshima? S’ukubohora abantu ingoyi z’ukugiriranira nabi, no guhamburura imigozi abatwazwa igitugu, no kurekura impahazwa ngo zīdegemvye, mukavuna ivy’ ugutwaza igitugu vyose?


At’ Ico ntabona ukinyigishe: Ati Namba naragabitanije sinzosubīra?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite