Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Uwo murinzi yikanguye, abonye inzugi z’ibohero zuguruye, asokora inkota agira yiyahure, kuko yagira ngw imbohe zācitse.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Umurinzi w’ibohero yikanguye asanga imiryango yose iruguruye, maze asokorora inkota ngo yiyice kuko yibaza ko imbohe zatorotse.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:27
9 Referans Kwoze  

Herode amurondeye amubuze, acunaguza abateramyi, avuga ko babajana kubica: maz’ ava i Yudaya amanuka i Kayisariya, agumayo.


Aterera izo ntete z’ifeza ahēra h’urusengero, aragenda, arīmanika.


Maze Zimuri abonye ko batsinze igisagara, yitera mu munara wo mu rugo i bgami, yītuririramwo, arapfa,


Ariko Ahitofeli abonye ko batemeye inama yiwe, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, afata inzira ataha i muhira mu gisagara c’i wabo; araheza aroranya ivyo mu rugo rwiwe, aca yiha umugozi. Nukw arapfa, bamuhamba mu mva ya se.


Aca ahamagara umuhungu w’umusore amutwaje ibirwanishwa, ati Sokōra inkota yawe, umpohoshe, boye kuzovuga, ngo Yishwe n’umugore. Nuk’ uwo muhungu aramusogota, arapfa.


Ariko Paulo asemerera n’ijwi rirenga, ati Ntiwigirire nabi, twese turi hano.


Umurinzi w’imbohe abarira Paulo ayo majambo, at’ Abacamanza baratumye ngo murekurwe, nuko rero ni musohoke, mwīgīre amahoro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite