Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 isi ica inyiganyiga cane giturumbuka, bituma amatanguriro y’inzu y’ibohero anyiganyiga, ako kanya inzugi zose ziruguruka, iminyororo ya bose iradohoka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Ubwo nyene haba nyamugigima ikomeye cane, inyiganyiza amatanguriro y’ibohero. Imiryango y’ibohero iriyugurura, iminyororo yari iboshe imbohe zose izivako.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:26
15 Referans Kwoze  

Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana ahenga mw ijoro yugurura inzugi z’ibohero, abakūrayo, arababgira,


Baciye ku bateramyi ba mbere no ku ba kabiri, bashika kw irembo ryugarije urugi rw’icuma, rija mu gisagara. Rurabīyugururira ubgarwo, barenga irembo baca mu nzira imwe, uwo mwanya umumarayika aca amusiga hano.


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana amuhagarara i ruhande, umuco ubonesha mu nzu. Akoma Petero mu mbavu, aramukangura, ati Vyuka n’ingoga. Iminyororo imuva ku maboko, irakoroka.


Acira imanza impahazwa; Agaburira abashonje ivyo kurya. Uhoraho ni we abohora imbohe;


Habaho kunyiganyiga kw’isi gukomeye, kuk’ umumarayika w’Umwami Imana yar’ amanutse ava mw ijuru, araza akūra ca kibuye agitembagaje, acicarako.


ng’ uhumūre impumyi, ng’ usohore imbohe mw ibohero, n’abicaye mu mwiza ngo bave mu nzu y’imbohe.


Kugira ngo yumve ukuniha kw’imbohe, Abohore abāgerewe gupfa;


Uwo mwanya isi iratigita, ikigiracumi ca ca gisagara kirasenyuka, ukwo gutigita kwica abantu ibihumbi ndwi, abarokotse baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana Nyen’ ijuru.


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


Kuniha kw’imbohe ni gushike imbere yawe; Nk’ukw inkomezi z’ukuboko kwawe ziri, kiza abagerewe gupfa.


Kandi mbona amena ica gatandatu kimatanije ico gitabo, isi iratigita cane: izuba ririrabura nk’igunira ry’ubgoya; ukwezi kwose guhinduka nk’amaraso:


Imana ishira mu ngo abatagira shinge na rugero, Ibohora imbohe, ikaziha kugubga neza: Arikw abagarariji bakaba mu gihugu cumye.


Nukw aragenda, asanga uwo muvyimba urambaraye mu nzira, na ya ndogoba n’intambge bihagaze i ruhande yawo; arikw iyo ntambge ntiyari yariye uwo muvyimba, canke ngw itabagure iyo ndogoba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite