Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Maze nko mu gicugu Paulo na Sila bariko barasenga baririmbira Imana, izindi mbohe zibumva,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Nko mu gicugu hagati, Pawulo na Silasi bariko barasenga bongera baririmba indirimbo zo gutazira Imana, izindi mbohe zarabumva.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:25
38 Referans Kwoze  

Mwiyumvire kw ar’ ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe,


Mu gicugu nama mvyuka kugira ngo ngushimire Imanza zawe zigororotse.


Kandi si vyo vyonyene, ariko kandi tunezererwe n’amarushwa yacu, kuko tuzi yukw amarushwa atera ukwihangana;


Nibuka indirimbo yanje yo mw ijoro, Nkibaza mu mutima; Umutima wanje ugasesana umwete,


Kristo mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kand’ amaze kwumvirwa kubgo kuyubaha kwiwe,


Mubgirane zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmba, mucurarangira Umwami wacu mu mitima yanyu;


None nnezererewe amagorwa yanje yo kubganyu, kand’ ivyasigaye ku marushwa ya Kristo nanje ndabishitsa mu mubiri wanje, kubg’ umubiri wiwe, ni wo shengero,


Munezererwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa; mushishikare gusenga;


Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.


Ariko nta wuvuga, at’ Imana Umuremyi wanje iri hehe, Kand’ ari yo iduha indirimbo mw ijoro,


Nuko muzogira indirimbo nk’iyo baririmba mw ijoro ku musi mukuru wera; muzogira n’umunezero wo mu mutima nk’uw’ umuntu afise umwironge aja ku musozi w’ Uhoraho, ngw ashikīre Igitandara c’Abisirayeli.


Mmeze nk’igitangaza kuri benshi: Ariko ni wewe buhungiro bganje bukomeye.


Nzokwama mpimbaza Uhoraho ibihe vyose, Ishimwe ryiwe rizoba mu kanwa kanje urudaca.


Iyo mututswe muhōwe izina rya Kristo, muba muhiriwe: kuko Mpwemu w’ubgiza, ari we Mpwemu w’Imana, aba kuri mwebge.


Arikw asangwa nkwiye gusukwa ku kimazi c’ukwizera kwanyu no kw ibango ryakwo, ndanezerwa, nnezeranwa namwe mwese:


tuboneka nk’abababara, ariko tunezerwa imisi yose; tuboneka nk’aboro, ariko dutungisha benshi; tuboneka nk’abatagira ico batunze, yamara dutunze vyose.


Nuko bava mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina.


Umve none, yewe Yosuwa umuherezi mukuru, mwe na bagenzi bawe bicara imbere yawe; kukw abo ar’ abantu bo kwerekana ibizoba: kuko rāba, nzozana umushumba wanje Shami.


Uhoraho, nama nibuka izina ryawe mw ijoro, Nkitondera ivyagezwe vyawe.


Uhoraho angerera imbabazi ziwe ku murango, No mw ijoro indirimbo yiwe yamana nanje, Ni yo nsengesha Imana y’ ubugingo bganje.


Arushirije kwicwa n’umubabaro, ashishikara gusenga cane, icuya ciwe kiba nk’ibitonyanga binini vy’amaraso bitonyanga hasi.


Azonyambaza, nanje ndamwitabe, Nzobana na we mu marushwa, Ndamukize, mmuhe icubahiro.


Ku musi w’umubabaro wanje narondeye Umwami Imana: Ukuboko kwanje mw ijoro kwararāmvuwe, ntikwatenzura; Umutima wanje wanka kwirurwa.


Muri mwebge ni haba harih’ ūbabaye, n’asenge; namba harih’ ūroraniwe, n’aririmbe ishimwe;


Mana yanje, ntakambira ku murango ntunyishure: Ntakambira no mw ijoro, simpore.


Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba:


Maze ba shebuja babonye yukw ico bazigakw inyungu kivuyeho, bafata Paulo na Sila, barabakwega babajana mu kaguriro imbere y’abashingantahe,


Mur’ ico gihe nyene c’ijoro arabajana, abuhagira inguma z’inkoni, aca arabatizwa, bo n’abiwe bose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite