Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ishengero ribahagurukira icarimwe, abacamanza babakākagurirakw impuzu, bagera ko babakubita.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Abari aho bose baca bakurira hasi Pawulo na Silasi, ba bacamanza baca bategeka ko babambura impuzu bakabakubita ibimoko.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:22
15 Referans Kwoze  

ariko tumaze kubabarizwa i Filipi no kuhatētererezwa, nk’uko muzi, dushira amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi.


mu bimoko, mu mabohero, mu migūmūko, mu butame, mu kurāra maso, mu kwirirwa ubusa,


Abandi bāgeragereshwa gushinyagurirwa no gukubitwa ibimoko, mbere bāshirwa mu ngoyi no mu mabohero:


Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.


Maze Galiyo abaye icēgēra ca Kayisari muri Akaya, Abayuda bahūza inama bakūrira hasi Paulo, bamujana imbere y’intebe y’imanza,


Arikw Abayuda bagize ishari, bajana abagabo b’imburakimazi bo mu bigaramangira, bakoranya abantu benshi, bavyura imigūmūko mu gisagara, batera inzu ya Yasona, bashaka gukūramwo Paulo na Sila, ngo babashikirize abantu.


Ariko Paulo arabishura, ati Ko bādukubitiye imbere y’ishengero, ata kidutsinze, kandi tur’ Abaroma, bakadushira mw ibohero: none bagomba kuduhinda mu mpisho? Ekaye, ni babe ari bo biyizira ubgabo badusohore.


Baramwemerera, maze bahamagaje intumwa, barazitonagura, barazīhanikiriza ngo ntizize zigishe mw izina rya Yesu, maze barazirekura.


Maz’ abarekurira Baraba, ariko Yesu aramutonagura, amutanga ngw abambge.


Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu masinagogi yabo.


Kandi ni bābajana mu masinagogi bakabashīra abakuru n’abaganza, ntimuze muhagarikire imitima ico mwireguza n’ingene mwiregura, n’ico muvuga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite