Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Maze ba shebuja babonye yukw ico bazigakw inyungu kivuyeho, bafata Paulo na Sila, barabakwega babajana mu kaguriro imbere y’abashingantahe,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Maze ba shebuja babonye ko bagiye guhomba amahera yahora abacira, bafata Pawulo na Silasi, babajana imbere y’abatware, mu kibanza gikoraniramwo abantu benshi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:19
24 Referans Kwoze  

Igisagara cose kiravurungana, abantu barashwabaduka: basūmira Paulo, baramukwega bamukūra mu rusengero; ako kanya bugara inzugi.


Bababuze, bakwegera Yasona na bene Data bamwe imbere y’abaganza igisagara, barasemerera, bat’ Abāteye isi yose umugūmūko bashitse n’ino,


mu bimoko, mu mabohero, mu migūmūko, mu butame, mu kurāra maso, mu kwirirwa ubusa,


Bukeye tugiye aho basengera, duhūra n’umwigeme arimwo dayimoni aragura, yar’ atungishije ba shebuja cane kubg’ iyo ndagu.


Ariko Sauli yatikiza ishengero; yinjira mu mazu yose, agakūramw’ abagabo n’abagore, akabashira mw ibohero.


abantu bāhevye amagara yabo kubg’ izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.


Maze haza Abayuda bavuye muri Antiyokiya no muri Ikoniyo; bamaze kwosha ishengero, batera Paulo amabuye, bamukwegera inyuma y’igisagara, bagira ngo yāpfuye.


Kand’ abanyamahanga, bo n’Abayuda n’abashingantahe babo baja kubatera ngo babagirire nabi babicishe amabuye;


nanje nzomwereka imibabaro ukw ingana azoba akwiye kubabazwa ahōrwa izina ryanje.


Ariko mwiyubare: kuko bazobashengerana mu manza, muzoshishagurirwa mu masinagogi, kandi muzohagarara imbere y’abaganza n’abami babampōra, mube ikimenyetso kibabere icabona.


Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje.


Ariko mweho mwatētereje umworo. Non’ abatunzi si bo babatwaza amanyama, bakaba ari bo babakwega babajana mu manza?


Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba:


Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi.


Baraza bavugira imbere y’umwami ivya ca cihanikirizo ciwe, bati Mbega ntiwasinye ku cihanikirizo washinze, yuko kumara imisi mirongwitatu umuntu wese azogira imana n’imwe asaba cank’ umuntu n’umwe, atari wewe, mugenzi, azotererwa mu rwobo rw’intambge? Umwami arabishura, ati Narabishinze koko, nk’ukw ivyagezwe vy’Abamedi n’ Abaperesi bishingwa ntibihinduke.


Paulo na we atoranya Sila, avayo, bene Data bamaze kumuragiza ubuntu bg’Umwami Yesu.


babashīra abacamanza, bat’ Aba bantu bahagarika imitima y’abo mu gisagara cacu, kand’ ar’ Abayuda;


Maze nko mu gicugu Paulo na Sila bariko barasenga baririmbira Imana, izindi mbohe zibumva,


Ahamagaza imuri, yitera mu nzu, ari mu gatengo k’ubgoba, yikubita imbere ya Paulo na Sila,


muri muri ya ntambara mwambonanye kand’ iyo munyumvana n’ubu.


ariko tumaze kubabarizwa i Filipi no kuhatētererezwa, nk’uko muzi, dushira amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite