Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Amara imisi myinshi agenza artyo. Ariko Paulo adundumiwe, arahindukira, abarira dayimoni, ati Ndakubariye mw izina rya Yesu Kristo, muvemwo. Amuvamwo mur’ ako kanya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Nuko amara imisi avuga ivyo, gushika aho Pawulo adundumirwa, arahindukira abwira iyo mpwemu ati: “Mw’izina rya Yesu Kristo, ndagutegetse, muvemwo.” Ubwo nyene ya mpwemu ica iramuvamwo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:18
12 Referans Kwoze  

Kand’ ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw izina ryanje; bazovuga indimi nsha;


Petero aramubgira, ati Ayineya, Yesu Kristo aragukijije: vyuka, wizingire ikirago. Aca avyuka ako kanya.


Petero aramubarira, at’ Ifeza n’izahabu nta vyo mfise, arikw ico mfise ndakiguha: mw izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke.


Akiza benshi bāri barwaye indwara zitari zimwe, asenda abadayimoni benshi, ntiyakundira abo badayimoni ko bavuga, kuko bāri bamuzi.


Kandi yambuye abakuru n’abafise ububasha, ibateterereza mu maso ya bose, ibashorera bafashwe mpiri kubg’ uwo musaraba.


Akoranya bamwe cumi na babiri, abaha ubushobozi n’ububasha ku badayimoni bose no gukiza indwara.


Arik’ ubgato bushitse hagati mu kiyaga bāri batamijwe n’imipfunda, kuk’ umuyaga war’ ubaturutse imbere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite