Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Amaze kubatizanywa n’abo mu nzu yiwe, aratwinginga, at’ Asangwa mubonye nd’uwizeye Umwami Yesu, ni muze i wanje, musembereho. Aratugōbēra.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 We n’abo mu nzu yiwe bamaze kubatizwa, aca aradutumira iwe avuga ati: “Nimba mubona ko ndi uwizera Umwami Yesu, nimuze mube iwanje.” Nuko aratugobera gushika twemeye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:15
32 Referans Kwoze  

azokubarira amajambo yo kugukizanya n’abo mu nzu yawe bose.


Ntimwibagire kugirira neza abashitsi: kuko bamwe bāgize bartyo bāhaye indāro abamarayika batabizi.


Mur’ ico gihe nyene c’ijoro arabajana, abuhagira inguma z’inkoni, aca arabatizwa, bo n’abiwe bose.


Baramugōbēra, bati Gumana natwe, kuko bugira bgire kand’ umusi ukuze cane. Arinjira ngw agumane na bo.


Arabagōbēra cane, barakevya, binjira mu nzu i we, abarondereza amazimano, abacumbishiriza imitsima itambiwe, bararya.


Nuko twebge dukwiye kwākīra neza abameze bartyo, kugira ngo dufatanye n’ukuri gukora igikorwa.


Mukundwa, wama uyoboka mu vy’ ukorera bene Data vyose, kand’ ar’ injabuka:


Mbandikiye icete c’amajambo make, canditswe na Siluwano, mwene Data w’umwizigirwa uko niyumvira; mbahanūra nshinga intahe yuk’ ubgo ari bgo buntu bg’Imana bg’ukuri: mubuhagararemwo mushikamye.


Nuko namb’ unyiyumvira ko dusangiye igikorwa, umwākīre nk’uko nanje wonyakiriye.


Nanje birambereye kubiyumvirako ntyo mwese, kuko mbafise mu mutima, kuko mu ngoyi zanje, no mu gukiranira ubutumwa bgiza no kubucimbataza, mwese musangiye nanje ubuntu bg’Imana.


Paulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n’ukw Imana yabigomvye, ndabandikiye abera bari muri Efeso, b’abizigirwa bo muri Kristo Yesu.


Nuko rero, iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane‐cane ab’ inzu y’abizera.


Mbaye igipfu, ni mwebge mwabinteye, kukw ivyari bikwiye ar’ uko mba narashimagijwe namwe. Za ntumwa zihambaye cane nta co zindushije, naho nd’ ubusa.


Kuk’ urukundo rwa Kristo rutugōbēra, kand’ ico tuzi tudakekeranya n’uk’ umwe yapfiriye bose, nuko rero bose bārapfuye.


Gayo arabaganūtsa, uwansembereje, kand’ akākīra n’abo mw ishengero bose. Erasito, aganza ivy’ ikori ry’iki gisagara, na Kwaruto mwene Data, barabaganūtsa. [


Ni hagira umuntu aza i wanyu, akaza atazanye iyo nyigisho, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu, kandi ntimuze mumuhe ikāze:


Ariko Krisipo, umukuru w’isinagogi, yizerana Umwami Yesu n’abo mu nzu yiwe bose; n’Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa.


Ivuga ko bahagarika umukogote, baramanukana baja mu mazi bompi, Filipo n’iyo nkone, arayibatiza.


Ariko bizeye ubutumwa bgiza Filipo ababgiye bg’ubgami bg’Imana, n’ubg’ izina rya Yesu Kristo, barabatizwa, abagabo n’abagore.


Shebuja abarira uno mushumba wiwe, ati Genda uje mu nzira z’iroro no mu mihōra, ubagōbēre baze, kugira ngw inzu yanje yuzure.


Uwākīra umuntu avugishwa n’Imana kukw avugishwa na yo azohabga impēra nk’iy’ ūvugishwa n’Imana; uwākīra umuntu agororotse kukw agororotse azohabga impēra nk’iy’ umugororotsi.


Umusi ur’ izina, Elisa aja i Shunemu. Kandi hāriy’ umugore w’umutunzikazi; aramugōbēra ngw amuzimane. Maz’ uhereye ico gihe, iy’ aciye aho, yama ajayo bakamuzimana.


Aranka, at’ Eka singomba kurya. Arikw abantu biwe bo na nya mupfumukazi baramugōbēra, arabemerera, ava hasi, yicara ku buriri.


Nuko ndakwinginze, akīra iyo ngabire nkurungikiye; kukw Imana yangiriye ubuntu, kandi mfise ibimpāgije. Aramugōbēra, aravyākīra.


babatizwa na we mu ruzi Yorodani, bātura ivyaha vyabo.


Baramwishura, bat’ Izere Umwami Yesu, urakira, mwe n’abo mu nzu yawe.


Arabadūgana, abajana i we, arabagaburira, anezeranwa cane n’abo mu nzu yiwe bose, kuko yizeye Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite