Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Umugore umwe yitwa Ludiya, umudandaza w’impuzu z’inyambarabami, wo mu gisagara citwa Tuwatira, yubaha Imana, aratwumviriza. Umwami Yesu amwugurura umutima, kugira ngw awushire ku vyo Paulo yavuga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Umwe mu bariko baratwumviriza yitwa Lidiya, yava i Tuwatira, akaba yari umudandaza w’impuzu z’agaciro kandi yubaha Imana. Nuko Umwami Imana yugurura umutima wiwe, yakira Ubutumwa Pawulo yariko aravuga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:14
24 Referans Kwoze  

Maz’ abungura ubgenge ngo batahure ivyanditswe.


Umwami Uhoraho anziburuye ugutwi, nanje sinabaye ikigāba, canke ngo mpindukire nsubire inyuma.


Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.


Ni co gituma bitava ku kugomba kw’umuntu, canke ku gushimika kwiwe, ariko biva ku Mana igira ikigongwe.


Kukw Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.


Ukuboko kw’Umwami kwari kumwe na bo, abantu benshi barizera, bahindukirira Umwami.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya, ut’ Uwera, uw’ ukuri, ūfise urupfunguzo rwa Dawidi, uwugurura ntihagire uwugara, kand’ uwugara ntihagire uwugurura, aravuga ibi,


Avaho, yinjira mu nzu y’umuntu yitwa Tito Yusito, yubaha Imana, inzu yiwe yar’ ihereranye n’isinagogi.


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasība.


Ava hasi, aragenda. Haza Umunyetiyopiya, inkone y’ububasha bginshi yakorera Kanidake, umugabekazi w’Abanyetiyopiya, ni yo yazezwa itunga ryiwe ryose, yari yagiye i Yerusalemu gusenga.


Hār’ Abagiriki bamwe, mu bādūze gusenga mu misi mikuru,


Umukunzi wanje acisha ukuboko mu mwenge w’urugi, Umutima wanje wuzura ikigumbagumba kubgiwe.


Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


Abāri mw isinagogi bamaze gusābagira, benshi mu Bayuda bo n’abātoye idini yabo bakubaha Imana, bakurikira Paulo na Barunaba; na bo bayāga na bo, barabahanūra ngo bashishikare kuguma mu buntu bg’Imana.


Arikw Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, n’abakuru bo mur’ ico gisagara, bavyurira akadenderezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntāra yabo.


Bavuye mw ibohero, baja kwa Ludiya, barinjira; bamaze kubona bene Data, barabahanūra, bavayo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite