Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ku musi w’isabato turenga irembo ry’igisagara, tuja ku ruzi, dukēka ko hobay’ ahahora hasengerwa. Turicara, tuyāga n’abagore bahakoraniye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ku musi w’Isabato, turasohoka tuja inyuma y’igisagara ku ruzi, twibaza ko dushobora kuronka ahantu ho gusengera. Nuko turicara dutangura kuyaga n’abagore bari bahakoraniye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:13
17 Referans Kwoze  

Ariko bo bavuduka i Peruga, bararamiriza, bashika muri Antiyokiya h’i Pisidiya; ku musi w’isabato binjira mw isinagogi, baricara.


asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise, bgavuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru, ubgo jewe Paulo nacikiye umukozi wabgo.


Ntihashobora kuba Umuyuda cank’ Umugiriki, ntihashobora kuba umugurano cank’ uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo cank’ umugore; kuko mwese mur’ umwe muri Kristo Yesu.


Turangije iyo misi, tuvayo turagenda, bose baduherekezanya n’abagore n’abana, baturenza igisagara, dupfukama ku musenyi, turasenga.


Ku wa mbere w’imisi ndwi, dukoranira kumanyagura imitsima, Paulo ayāga na bo, agira ngo buce agenda, atevya mu majambo ashitsa mu gicugu.


Ahārīrira n’abaho mw isinagogi amasabato yose, ngo yemeze Abayuda n’Abagiriki.


Nuko Paulo, nk’uko yamenyereye, yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana na bo ivyo mu vyanditswe,


Baca mu gihugu c’i Furugiya n’i Galatiya, babuzwa na Mpwemu Yera kuvuga ijambo ry’Imana muri Asiya.


Bariko barasohoka, barabinginga ngw ayo majambo az’ avugwe no kw isabato izoza.


Mu gaturuturu asubira mu rusengero, abantu bose baza ah’ ari, aricara arabigisha.


Ku musi w’isabato yigishiriza mur’ imwe mu masinagogi.


Arababarira, ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abāremwe bose ubutumwa bgiza.


Ishengero ryinshi rikoranira kuri we, bimutera gutambukira mu bgato, yicaramwo; ishengero ryose rihagarara i musozi.


aca ahērakw avuga mu masinagogi ivya Yesu, yukw ar’ Umwana w’Imana.


Bukeye tugiye aho basengera, duhūra n’umwigeme arimwo dayimoni aragura, yar’ atungishije ba shebuja cane kubg’ iyo ndagu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite