Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 tuvuyeyo dushika i Filipi, igisagara c’i Makedoniya gikuru mur’ iyo ntāra, cubatswe n’Abaroma. Tumara imisi mur’ ico gisagara.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Tuvuye aho, tuja i Filipi, igisagara gikuru c’i Makedoniya cari carigaruriwe n’Abaroma. Ico gisagara tukimaramwo imisi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:12
14 Referans Kwoze  

ariko tumaze kubabarizwa i Filipi no kuhatētererezwa, nk’uko muzi, dushira amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi.


Paulo na Timoteyo, abagurano ba Kristo Yesu, turabandikiye abera bose bo muri Kristo Yesu b’i Filipi, hamwe n’abazezwashengero n’abakozi baryo.


Natwe tuvuduka i Filipi turi mu bgato hanyuma y’imisi y’imitsima itambiwe, tubasanga i Tirowa ku musi ugira gatanu, tumaray’ imisi ndwi.


batuzanira imigenzo tuzira kwemera canke kuyikora, twebge tur’ Abaroma.


Maze Paulo mw ijoro arota inzozi, abona umugabo w’i Makedoniya ahagaze amwinginga, ati Jabuka uze i Makedoniya, udutabare.


Amaze kurota izo nzozi, duca turondera ingene tuja i Makedoniya, kuko tumenye yukw Imana iduhamagariye kubabgira ubutumwa bgiza.


Maze Sila na Timoteyo bamanutse, bavuye i Makedoniya, Paulo agōbērwa n’ijambo ry’Imana, ashingira intahe Abayuda yuko Yesu ari we Kristo.


Ivyo bishize Paulo agabira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu, ati Ni namara gushikayo, nkwiye kuja kurāba n’i Roma na ho.


Maz’ igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c’ibirori, bashika Gayo na Arisitariko Abanyamakedoniya, bāgendana na Paulo.


Umugūmūko umaze gushira, Paulo atumakw abigishwa, arabahanūra, arabasezera, avayo ngw aje i Makedoniya.


Amaray’ amezi atatu; maz’ Abayuda bamugīriye inama yo kumutega agira atambukire mu bgato aja i Siriya, agabira gusubira inyuma aciye i Makedoniya.


Dutambukira mu bgato bgāvuye muri Aduramutiyo, bugira bugende bujabukiranya ahantu ho muri Asiya haherereye ku kiyaga, tuvudukayo turi kumwe na Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike.


Kukw ab’i Makedoniya no muri Akaya bahimbawe no gusorōranya ivyo gutabara aboro bo mu bera b’i Yerusalemu.


kuko mwafatanije nanje gukwiza ubutumwa bgiza, muhereye ku musi wa mbere, mugashitsa n’ubu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite