Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 ntiyashirah’ itandukaniro hagati yacu na bo, yogesheje imitima yabo ukwizera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ntiyadutandukanije na bo, kuko yejeje imitima yabo kuko bizeye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:9
24 Referans Kwoze  

yukw abanyamahanga basangiye natwe ibiragwa, basangiye natwe umubiri umwe, basangiye natwe ivyasezeranywe muri Kristo Yesu kubg’ ubutumwa bgiza.


arababgira, at’ Ubganyu murazi yuko kizira k’umuntu w’Umuyuda yifatanya n’uw’ ubundi bgoko, canke kw amugendera: ariko jeho, Imana yanyeretse yuko hatogira umuntu nita ikizira cank’ igihumanya.


aho ntihaba Umugiriki cank’ Umuyuda, uwakebge cank’ ūtākebge, ūdebagura cank’ Umusikiti, umugurano cank’ uwidegemvya; ariko Kristo ni vyose, kand’ ari muri bose.


Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo.


Ntihashobora kuba Umuyuda cank’ Umugiriki, ntihashobora kuba umugurano cank’ uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo cank’ umugore; kuko mwese mur’ umwe muri Kristo Yesu.


turabandikiye mwebge abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, bejejwe muri Kristo Yesu, bāhamagariwe kuba abera, hamwe na bose bambariza ahantu hose izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ni we Mwami wabo n’uwacu.


n’ukugororoka kuva ku Mana, kuzanwa no kwizera Yesu Kristo, kugira ngw abizeye bose baguhabge. Kukw ata tandukaniro;


Mpwemu ambarira kujana na bo, ata tandukaniro. Kandi na bene Data aba, ukw ari batandatu, turajana, twinjira mu nzu y’uwo mugabo.


Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.


Petero yanzika kuvuga, ati N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni,


Mbega harih’ umuntu yahamagawe yarakebge? Ntagacike nk’ūtakebge. Harih’ umuntu yahamagawe atākebge? Ntagakebge.


kuri twebge, abo yahamagaye, si mu Bayuda bonyene ariko no mu banyamahanga?


Nuko tuvuge iki? Mbega turuta abandi? Oya, ntitubaruta na gatoya, kuko tumaze kwagiriza Abayuda n’Abagiriki bose ko baganzwa n’icaha:


Bashitseyo bakoranya ishengero, babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose, n’ingene yugururiye abanyamahanga urugi rwo kwizera.


Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw isinagogi y’Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera.


Iryo jwi risubira kuza ubugira kabiri, riramubarira, rit’ Ivy’ Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.


Mana, undememw’ umutima utunganye: Unsubizemw’ umutima uhamye.


Kandi muze mukigaburishe ubupfindo ngo kibabere ishamvu, mwebge n’abanyamahanga baba muri mwebge, bakavyarira abana muri mwebge; muze mubaharūre nk’aho bavyawe n’Abisirayeli; bazotwara ishamvu hamwe namwe mu miryango y’Abisirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite