Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Nukw intumwa n’abakuru bakoranira hamwe kuja inama y’iryo jambo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero barakorana bigira hamwe ico kibazo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:6
12 Referans Kwoze  

Ahatagira inama imigabo irapfa, Ariko mu bajanama benshi irakomera.


Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.


Mwibuke abābaganza, bakababgira ijambo ry’Imana; mwitegereje iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo.


duhūje inama dushimye gutoranya abo bantu no kubatumana kuri mwebge n’abo dukunda Barunaba na Paulo,


Bukeye bg’aho Paulo yinjirana natwe kwa Yakobo, abakuru bose ni ho bāri bari.


Bashitse i Yerusalemu, ishengero n’intumwa n’abakuru barabākīra, na bo babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose.


Bamwe cumi na babiri bakoranya ishengero ry’abigishwa, bati Ntibibereye yuko twebge turekera ijambo ry’Imana kugaburisha ivyo ku meza.


Kukw aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo.


Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli.


Maze Paulo na Barunaba bamaze kugira ibihāri n’imibūrano itari mike n’abo bantu, abaho bahūza inama gutuma Paulo na Barunaba n’abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n’abakuru kubg’ iyo mibūrano.


Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba:


Bariko baraca mu bisagara, bagenda bababgira ivyo intumwa n’abakuru b’i Yerusalemu bāshinze, ngo bavyitondere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite