Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Maze hava hasi bamwe bo mu muce w’Abafarisayo bizeye, baravuga, bat’ Abanyamahanga birakwiye ko bakebga, no kubabgiriza kwitondera ivyagezwe vya Mose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ariko bamwe mu bizera bahora ku ruhande rw’Abafarisayo barahaguruka, bavuga bati: “Abanyamahanga bategerezwa gukebwa no gukurikiza ivyagezwe vya Mose.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:5
14 Referans Kwoze  

Maze haza abantu bamwe bavuye i Yudaya bigisha bene Data, bati Ni mutākebga, nk’uk’ umugenzo wa Mose uri, ntimuzoruha mukizwa.


Na bo bavyumvise bahimbaza Imana; maze baramubgira, bat’ Urabona, mwene Data, ingen’ Abayuda bizeye ar’ ibihumbi vyinshi; kandi bose bagira ishaka ry’ivyagezwe.


Kuko twumvise yuko bamwe bāvuye muri twebge bābahagarikishije imitima amajambo, bakayisangangura, kandi tutābibageze;


Twabonye uyu muntu ar’ ikīza, atera umugararizo Abayuda bose bari mu bihugu vyose; ni we remezo ry’igice c’Abanazareti.


Abonye benshi bo mu Bafarisayo no mu Basadukayo bazanywe no kugira ngw ababatize, arababaza, ati Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababūriye ngo muhunge uburake buzoza?


Maz’ umuherezi mukuru ahagurukana n’abāri kumwe na we bose, ni bo muce witwa uw’ Abasadukayo, buzura ishari,


Arikw iki ni co nkwemerera: n’uk’ ukw iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’abāvugishwa n’Imana;


Ariko turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kukw ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.


Mbega harih’ umuntu yahamagawe yarakebge? Ntagacike nk’ūtakebge. Harih’ umuntu yahamagawe atākebge? Ntagakebge.


Ariko Kefa aje muri Antiyokiya, mmugisha impāri imbonankubone, kuko yari n’ibimutsindishije.


Ariko mbonye badaca mu nzira igororotse, nk’uk’ ukuri kw’ubutumwa bgiza kuri, mbaririra Kefa imbere ya bose, nti Ko wewe witondera ingeso z’abanyamahanga, zitar’ iz’ Abayuda, kand’ ur’ Umuyuda, ugōbēra ute abanyamahanga kuba nk’Abayuda?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite