Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Paulo na we atoranya Sila, avayo, bene Data bamaze kumuragiza ubuntu bg’Umwami Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Pawulo ahitamwo kujana na Silasi, bamaze gusengerwa n’abizera bakabaragiza ubuntu bw’Umwami Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:40
14 Referans Kwoze  

Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba:


bavudukayo bari mu bgato bafata muri Antiyokiya, aho bāri barazigamishirijwe ubuntu bg’Imana ubga mbere ku gikorwa baheraheje.


Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu.


Arik’ ubuntu bg’Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand’ ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg’ ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n’ubuntu bg’Imana bgari kumwe nanje.


Abo turi kumwe bose baragutasha. Untahirize abadukunda dusangiye ukwizera. Ubuntu bubane namwe mwese.


Umwami abane n’umutima wawe. Ubuntu bg’Imana bubane namwe.


Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, n’urukundo rw’Imana, n’ubumwe buva kuri Mpwemu Yera, bibane namwe mwese.


Kandi none mbaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bgayo, rishobora kububaka no kubahēra ibiragwa hamwe n’abejejwe bose.


Na Yuda na Sila, kuko na bo bār’ abavugishwa n’Imana, bahanūra bene Data mu majambo menshi, barabaremesha.


Nuko bisonzesheje, basenze, babarambitsekw ibiganza, barabarungika.


Maze ba shebuja babonye yukw ico bazigakw inyungu kivuyeho, bafata Paulo na Sila, barabakwega babajana mu kaguriro imbere y’abashingantahe,


Bamwe muri bo birabemeza, bīfatanya na Paulo na Sila, n’ishengero ryinshi ryo mu Bagiriki bubaha Imana n’uko, no mu bagore b’icubahiro batari bake.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite