Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Bashitse i Yerusalemu, ishengero n’intumwa n’abakuru barabākīra, na bo babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 I Yerusalemu bakiriwe n’ishengero hamwe n’intumwa ziri kumwe n’abakuru b’ishengero, na bo babiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:4
20 Referans Kwoze  

Maz’ ishengero ryose riracereza, bumviriza Barunaba na Paulo babīgānira ibimenyetso n’ibitangaza vyose Imana yabahaye gukora mu banyamahanga.


Bashitseyo bakoranya ishengero, babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose, n’ingene yugururiye abanyamahanga urugi rwo kwizera.


Nukw abo, ishengero rimaze kubaherekeza, baca i Foyinike bo n’i Samariya, babamenyesha ingen’ abanyamahanga bāhindukiriye Imana, batera bene Data bose akanyamuneza kenshi.


Sinzotinyuka kuvuga ikintu na kimwe atar’ ico nakoreshejwe na Kristo, kugira ngw abanyamahanga baganduke, ampaye amajambo n’ibikorwa,


Dushitse i Yerusalemu bene Data batwākīrana umunezero.


Ni hagira umuntu aza i wanyu, akaza atazanye iyo nyigisho, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu, kandi ntimuze mumuhe ikāze:


Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabgirizwa ivyiwe: ni yaramuka aje i wanyu muze mumwākīre.


Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuhērwe ubuntu bg’Imana gupfa ubusa:


ni kwo kuvuga yukw Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw isi, ntiyabaharūrakw ibicumuro vyabo, kandi yatubīkije ijambo ry’umwuzuzo.


Arik’ ubuntu bg’Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand’ ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg’ ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n’ubuntu bg’Imana bgari kumwe nanje.


Nuko mwemerane, nk’uko Kristo na we yabemeye, kugira ngw Imana ishimishwe.


Amaze kubaramutsa, ababarira ivy’ Imana yakoze mu banyamahanga imukoresheje, abidonze kimwe‐kimwe.


Agomvye kujabuka ngw aje muri Akaya, bene Data baramuremesha, bandikira abigishwa ngo bamwākīre. Na we ashitseyo, ubuntu bg’Imana bumutera gufasha cane abizeye:


Ūbākiriye aba anyakiriye, kand’ ūnyakiriye aba yākiriye uwantumye.


Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli.


Maze Paulo na Barunaba bamaze kugira ibihāri n’imibūrano itari mike n’abo bantu, abaho bahūza inama gutuma Paulo na Barunaba n’abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n’abakuru kubg’ iyo mibūrano.


Nukw intumwa n’abakuru bakoranira hamwe kuja inama y’iryo jambo.


Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba:


Bariko baraca mu bisagara, bagenda bababgira ivyo intumwa n’abakuru b’i Yerusalemu bāshinze, ngo bavyitondere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite