Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Hashize imisi, Paulo abgira Barunaba, at’ Ingo dusubire ha handi tugendere bene Data mu gisagara cose aho twāvuze ijambo ry’Umwami Yesu, tumenye uko bameze.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Haheze igihe, Pawulo abarira Baranaba ati: “Ingo dusubire mu bisagara twigishijemwo Ijambo ry’Imana, turabe ingene bene Data bifashe.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:36
21 Referans Kwoze  

barabimenya, bahungira i Lusitira n’i Derube, ibisagara vy’i Lukawoniya, no mu gihugu gihereranye na ho:


Nuko bavuyeyo batumwe na Mpwemu Yera bamanuka i Seleyukiya. Bavudukayo bari mu bgato bafata i Kupuro.


Na bo babakunkumurira umukungugu wo mu birenge vyabo, baja muri Ikoniyo.


Kandi ntarinze kuvuga ibindi, har’ ikinzako uko bukeye, n’umwitwaririko w’amashengero yose.


Kuko nifuza kubabona, kugira ngo mbahe ingabire y’impwemu, ibaremeshe;


Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw isinagogi y’Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera.


Mose aragenda, asubira kwa Yetiro sebukwe, aramubarira, ati Ndagusavye, undekure, nsubire ku b’i wacu bari muri Egiputa, ndābe yuko bakiriho. Yetiro yishura Mose, ati Genda amahoro.


Nibuka amosozi yawe, ngakumbura kukubona, ngo nuzure umunezero:


Ariko none Timoteyo arashitse, avuye i wanyu, atuzaniye inkuru nziza y’ukwizera kwanyu n’urukundo rwanyu, kandi yuko mutwibuka neza imisi yose, mudukumbura mugomba kubonana natwe, nk’uko natwe tubakumbura.


Bamaze kuvuga ubutumwa bgiza mur’ ico gisagara no guhindura benshi abigishwa, basubira i Lusitira no muri Ikoniyo no muri Antiyokiya,


Maz’ arikw aramara imyaka mirongwine avutse, haza iciyumviro mu mutima wiwe co kugendera bene wabo b’Abisirayeli.


nar’ ingenzi, ntimwampa indāro; nagenda gusa, ntimwanyambika; nari ndwaye, nari mw ibohero, ntimwaza kundāba.


nagenda gusa, muranyambika; nari ndwaye, muza kurāba uko mmeze; nari mw ibohero, muza kundāba.


None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ku vyo ageneye abungere baragira abantu biwe: ati Mwashwiragije umukuku wanje, murawirukana, ntimwawurāba; nuko rero nanje nzobāzira, mbazanekw ivyago bihwanye n’ ukugira nabi kwanyu, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bgiza bga Kristo, kugira ngo nje kubagendera canke ntaje, numve ivyanyu ko muhagaze mushikamye mufise impwemu imwe, muhuje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bgiza,


Ico cēgēra kibonye ibibaye kirizera, gitangajwe n’ivyo cigishijwe vy’Umwami Yesu.


Kandi Moridekayi yahora agendagenda uko bukeye inyuma y’urugo rw’inzu y’abigeme, kugira ngw amenye Esiteri uko yaramutse n’ukw ameze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite