Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Na Yuda na Sila, kuko na bo bār’ abavugishwa n’Imana, bahanūra bene Data mu majambo menshi, barabaremesha.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Yuda na Silasi, bari basanzwe ari abavugishwa n’Imana, bongera bababwira amajambo menshi yo kubatera intege no kubakomeza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:32
39 Referans Kwoze  

Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu.


baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


Kandi muri Antiyokiya, mw ishengero ryaho, hār’ abavugishwa n’Imana n’abigisha; umwe ni Barunaba na Simeyoni ari we Nigeru, na Lukiyosi Umunyakurene, na Manayeni yarerewe hamwe n’umwami Herode, hāriho na Sauli.


Mbandikiye icete c’amajambo make, canditswe na Siluwano, mwene Data w’umwizigirwa uko niyumvira; mbahanūra nshinga intahe yuk’ ubgo ari bgo buntu bg’Imana bg’ukuri: mubuhagararemwo mushikamye.


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


Abashingantahe b’ishengero bo muri mwebge ndabahanūra, kuko nanje nd’ umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’ icabona c’imibabaro Kristo yababajwe, kandi mfatanije namwe ubgiza buzohishurwa.


uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanūre, mu kwihangana kwose no mu kwigisha.


Irya mbere y’ibindi vyose, ndabahanūra kwingingira abantu bose no kubasengera no kubasabira no kubashimira Imana:


Arikw abameze bartyo turabagera tubahanūra kubg’ Umwami Yesu Kristo, gukora ibikorwa batekereje, babone kurya ivyo bīronkeye ubgabo.


ntimugakengere ivy’ abavugishwa n’Imana;


Kandi turabahanūra, bene Data, muhubūre abasaragurika, muremeshe abarandutse imitima, muramire abanyantege nke, mwihanganire bose.


Nuko bene Data, ibisigaye, turabinginga tubahanūra mu Mwami Yesu, nk’uko mwize kuri twebge ingene mukwiye kugenda no kunezereza Imana (kandi ni ko mugenda), murushirize cane kugenza murtyo.


dutuma Timoteyo, mwene Data, umukozi w’Imana agabura ubutumwa bgiza bga Kristo, ngw abakomeze abaremeshe ku vy’ ukwizera kwanyu,


nk’uko muzi ingene twari tumeze ku muntu wese muri mwebge, nk’uko se amera ku bana biwe, tubahanūra, tubaremesha, dushinga intahe,


Ivyo, abana b’abantu ntibābimenyeshejwe mu bindi bihe, nk’uko mur’ iki gihe intumwa ziwe zera n’abavugishwa na we bābihishuriwe na Mpwemu:


Impwemu z’abavugishwa n’Imana ziganzwa na bo:


Kandi n’abavugishwa n’Imana bavuge ari babiri canke batatu, abandi babigenzure.


Arik’ ūvugishwa n’Imana, abarira abantu ivyo kubakomeza n’ivyo kubahanūra n’ivyo kubirura.


Ni we azobakomeza gushitsa kw iherezo, kugira ngo ntimuze mugawe kuri wa musi w’Umwami wacu Yesu Kristo.


cank’ ūhanūra ashishikarire guhanūra; ūgira ubuntu, abugire ata kinubge; ūganza aganzanye umwete; ūgira imbabazi, azigire anezerewe.


Nuko dufise ingabire zitandukana, nk’uk’ ubuntu twāhawe butandukana: namba twarahawe kuvugishwa n’Imana, tuvugishwe na yo uk’ ukwizera kwacu kungana;


Amaze guca mur’ ivyo bihugu, abahanūra mu majambo menshi, aja i Bugiriki.


Amazey’ imisi avayo, aca mu gihugu c’i Galatiya n’i Furugiya, aja mu bisagara uko bikurikirana, aremesha abigishwa bose.


Aca i Siriya n’i Kilikiya, aremesha amashengero.


Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba:


Maze haza abantu bamwe bavuye i Yudaya bigisha bene Data, bati Ni mutākebga, nk’uk’ umugenzo wa Mose uri, ntimuzoruha mukizwa.


Mur’ iyo misi, abavugishwa n’Imana bava i Yerusalemu baja muri Antiyokiya.


Kand’ ashingisha intahe ayandi majambo menshi, arabahanūra, ati Ni mwikize ab’ iki gihe kigoramye.


Ni co catumye Imana ivugisha ubgenge bgayo, iti Nzobatumakw abo mvugisha n’intumwa, bamwe muri bo bazobica, abandi bazobahama,


Ehe ngira ntume abavugishwa n’Imana n’abanyabgenge bo n’abanyabgenge b’ivyanditswe; bamwe muri bo muzobica, mubabambe, abandi muzobatonagurira mu masinagogi yanyu, mubatuza mu bisagara vyose;


Kandi nanje, mu mwaka wa mbere Dariyo w’Umumedi ari ku ngoma, nakūwe hasi no kumufasha no kumuremēsha.


Nukw abo, ishengero rimaze kubaherekeza, baca i Foyinike bo n’i Samariya, babamenyesha ingen’ abanyamahanga bāhindukiriye Imana, batera bene Data bose akanyamuneza kenshi.


Nukw abo dutumye ni Yuda na Sila, na bo ubgabo bazobabarira mu rurimi bimwe n’ibi.


Bamaze kugisoma banezererwa iyo mpanūro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite