Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Nukw abo basezewe bamanuka muri Antiyokiya; bamaze gukoraniriza hamwe ishengero, babashikiriza kino cete.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Nuko abo bantu baca barabarungika bamanuka muri Antiyokiya, bakoranya ishengero, babashikiriza rya kete.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:30
9 Referans Kwoze  

Bariko baraca mu bisagara, bagenda bababgira ivyo intumwa n’abakuru b’i Yerusalemu bāshinze, ngo bavyitondere.


Bamwe cumi na babiri bakoranya ishengero ry’abigishwa, bati Ntibibereye yuko twebge turekera ijambo ry’Imana kugaburisha ivyo ku meza.


Abo bashitse i Kayisariya bashīra icēgēra ca Kayisari ca cete, bamushikiriza na Paulo.


Non’ icobimara n’iki? Ntibazobura kwumva ko waje.


Nukw abāsābagijwe n’amarushwa yabaye kubg’ ivya Stefano baragenda, bashika n’i Foyinike n’i Kupuro no muri Antiyokiya, ata bandi babarira ijambo ry’Imana atar’ Abayuda bonyene.


Ariko hāri bamwe muri bo b’abagabo bavuye i Kupuro n’i Kurene bashitse muri Antiyokiya babarira n’Abagiriki na bo, bababgira ubutumwa bgiza bg’Umwami Yesu.


Mur’ iyo misi, abavugishwa n’Imana bava i Yerusalemu baja muri Antiyokiya.


Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba:


Bamaze kugisoma banezererwa iyo mpanūro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite