Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nukw abo, ishengero rimaze kubaherekeza, baca i Foyinike bo n’i Samariya, babamenyesha ingen’ abanyamahanga bāhindukiriye Imana, batera bene Data bose akanyamuneza kenshi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nuko ishengero rimaze kubarungika, baca i Foyinike n’i Samariya, biganira abandi bizera ingene Abanyamahanga na bo bizeye Imana, ivyo bitera umunezero mwinshi bene Data bose.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:3
27 Referans Kwoze  

Bashitseyo bakoranya ishengero, babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose, n’ingene yugururiye abanyamahanga urugi rwo kwizera.


Turangije iyo misi, tuvayo turagenda, bose baduherekezanya n’abagore n’abana, baturenza igisagara, dupfukama ku musenyi, turasenga.


Witwaririke guherekeza no gusezera neza Zena umunyabgenge w’ivyagezwe, na Apolo, kugira ngo ntibaze bagire ico babura.


Nuko ntihaze hagire ūmukēngēra, ariko muze mumuherekeze mumusezere amahoro, az’ ansange ino, kuko niteze kw azozanana na bene Data.


Ariko kumbure nzomarana namwe imisi, canke nzomara n’urushana, kugira ngo mumperekeze, munsezere neza aho nzoja hose.


aho nzogīra i Sipaniya. Kuko nizigira kuzobarāba nciye iyo, mukamperekeza, mukansezera neza njayo, ni namara kubashira inkumbu buhoro.


Maz’ ishengero ryose riracereza, bumviriza Barunaba na Paulo babīgānira ibimenyetso n’ibitangaza vyose Imana yabahaye gukora mu banyamahanga.


no kubacako nja i Makedoniya, nkagaruka i wanyu mvuye i Makedoniya, ngo mumperekeze, munsezere neza nja i Yudaya.


Bene Data b’i Roma bumvise inkuru yacu, baza kudusanganirira ahitwa Akaguriro ka Apiyo, n’ahitwa Amaduka Atatu: Paulo ababonye ashima Imana, umutima urarema.


Abigishwa buzuzwa umunezero na Mpwemu Yera.


Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza ijambo ry’Imana; abāri baragerewe ubugingo budashira bose barizera.


Maz’ intumwa zir’i Yerusalemu zumvise yukw Abasamariya bemeye ijambo ry’Imana, zirungikayo Petero na Yohana,


arikw akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunāwe uyu yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Maze haza abantu bamwe bavuye i Yudaya bigisha bene Data, bati Ni mutākebga, nk’uk’ umugenzo wa Mose uri, ntimuzoruha mukizwa.


Bashitse i Yerusalemu, ishengero n’intumwa n’abakuru barabākīra, na bo babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose.


Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba:


Na Yuda na Sila, kuko na bo bār’ abavugishwa n’Imana, bahanūra bene Data mu majambo menshi, barabaremesha.


Kand’ abaherekeje Paulo bamugeza muri Atenayi; maze babariwe kubgira Sila na Timoteyo ngo bamusangeyo n’ingoga, basubira inyuma.


cane‐cane bababajwe n’ijambo yababgiye ngo ntibazosubira kumubona mu maso. Maze baramuherekeza, bamugeza ku bgato.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite