Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganūke.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Muze mwirinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, kandi mwirinde ingeso mbi z’ubusambanyi. Nimwavyirinda muzoba mugize neza. Turabasezeye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:29
20 Referans Kwoze  

ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy’ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n’amaraso.


Yamar’ ivy’ abizeye bo mu banyamahanga, twanditse dushinze ko birinda kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, bo n’amaraso, bo n’ibinizwe, birinde no gusambana.


Ariko mfise ico nkugayako, yuk’ ukundira urya mugore Yezebeli, yiyita ūvugishwa n’Imana, akigisha akazimiza abagurano banje, kugira ngo bashakane barye ivyaterekerejwe ibigirwamana.


Ariko mfise i vyo nkugayako bike, kukw i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, bashakane.


Kuk’ ubugingo bg’icaremwe cose ar’ amaraso yaco; ni co catumye nihanikiriza Abisirayeli, nti Ntimuze mwigere mugeza mu kanwa icitwa amaraso y’icaremwe ic’ ari co cose, kuk’ ubugingo bg’icaremwe cose ar’ amaraso yaco: ūzoyageza mu kanwa wese az’ acibge.


Ariko, Īshobora kubazigama ngo ntimutsitare, no kubahagarika imbere y’ubgiza bgayo mudafise agasembga munezerewe cane,


Bana bato, mwirinde ibigirwamana.


Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.


Ntukagire umuntu wihutira kurambikakw ibiganza, kandi ntugafatanye n’abandi mu vyaha vyabo. Uze wame wirinda ubuhumane.


Ibisigaye bene Data, muganūke; mutungane rwose, mwemere guhanūrwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana Nyen’ urukundo n’amahoro izobana namwe.


kand’ aho nari kumwe namwe ngakena, sinagize uwo ngōra: kuko bene Data bavuye i Makedoniya bāmmaze ubukene. Muri vyose nirinda kubagora, kandi nzoshishikara kuvyirinda.


Arikw asezerana na bo, ati Nzogaruka ikindi gihe, Imana ni yabigomba. Avuduka muri Efeso ari mu bgato.


Uwundi muntu aramubgira, ati Mugenzi, ndagukurikira, ariko banza undekure, nje gusezera abo mu rugo i wanje.


Maze mbariwe yuko bahigiye uwo mugabo, nca ndamukurungikira, mbarira abarezi ko bamuregera imbere yawe. Ndakwikebanuye.


Ariko ntimukarye inyama zikirimw’ ubugingo bgazo, ni bgo maraso yazo.


Mugabo ntimuze murye ubuseri: muze muyareke asēseke hasi nk’amazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite