Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 duhūje inama dushimye gutoranya abo bantu no kubatumana kuri mwebge n’abo dukunda Barunaba na Paulo,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Ni co gituma twumvikanye gutoranyamwo abo dutuma, bazananye na bene Data dukunda cane, ari bo Baranaba na Pawulo,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:25
18 Referans Kwoze  

Mwiyumvire yuko kwihangana kw’Umwami wacu ar’ agakiza: nk’uko mwene Data akundwa Paulo yabandikiye, uk’ ubgenge yahawe bungana.


Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba:


Maze Paulo na Barunaba bamaze kugira ibihāri n’imibūrano itari mike n’abo bantu, abaho bahūza inama gutuma Paulo na Barunaba n’abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n’abakuru kubg’ iyo mibūrano.


Abo bose bāsenga badahumeka n’umutima uhūye, hamwe n’abagore, na Mariya nyina wa Yesu, na bene nyina.


Nuko nanje, mpejeje gukurikiranya vyose neza mpereye ku vya mbere, nabonye kw ari vyiza kubikwandikira uko bikurikirana, wewe Teyofilo umwubahwa,


atakir’ umugurano wawe, arikw aruta umugurano, ari mwene So, akundwa: akundwa nanje cane, arikw arushiriza gukundwa nawe, mu vy’umubiri no mu Mwami wacu.


ndamutumanye na Onesimo mwene Data w’umwizigirwa, uwo dukunda, yavuye i wanyu; bazobīgānira ivy’ ino vyose.


Tukiko mwene Data dukunda, umukozi w’umwizigirwa, umugenzi dukorana mu Mwami wacu, azobīgānira ivyanje vyose.


Kandi Tukiko, mwene Data nkunda, umukozi w’umwizigirwa mu vy’Umwami wacu, azobīgānira vyose, kugira ngo mumenye ivyanje, uko mmeze.


Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge.


Ariko ndabinginga, bene Data, mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, mwese mube imvugarimwe, kandi n’ibice ntibiremwe muri mwebge, ariko mutunganywe rwose hamwe, muhūje umutima n’inama.


Muntahirize Tirufayina na Tirufosa, bakorera mu Mwami wacu. Muntahirize Perusi akundwa, yakoreye mu Mwami cane.


Kandi Paulo na Barunaba baguma muri Antiyokiya bigisha abantu, bababgira ijambo ry’Umwami Yesu, bafatanije n’abandi benshi.


Nukw intumwa n’abakuru bakoranira hamwe kuja inama y’iryo jambo.


Kand’ imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, kand’ i wabo bāmanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira akarohe,


Umusi wa Pentekote ushitse, bose bāri bakoraniye ahantu hamwe;


Ego me, Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite