Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 bandika icete, barakibarungikana, canditswe girtya, ngw Intumwa na bene Data bakuru turabatasha mwebge bene Data bo mu banyamahanga bari muri Antiyokiya n’i Siriya n’i Kilikiya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Maze babarungikana ikete ryavuga ritya: Twebwe bene So, intumwa n’abakuru b’ishengero, Turabaramukije mwebwe abanyamahanga bizera bo muri Antiyokiya, i Siriya n’i Kilikiya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:23
21 Referans Kwoze  

ati Jewe Kilawudiyo Lusiya ndakuganūtsa wewe Feliki umwubahwa, icēgēra ca Kayisari.


Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.


Maze nja mu ntāra z’i Siriya n’i Kilikiya.


Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba:


ariko nizigiye ko nzokubona vuba, tukazovugana imbonankubone.


Abana ba mwene nyoko yatoranijwe baragutasha.


Ni hagira umuntu aza i wanyu, akaza atazanye iyo nyigisho, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu, kandi ntimuze mumuhe ikāze:


Ubuntu n’imbabazi n’amahoro, biva ku Mana Data wa twese no kuri Yesu Kristo, Umwana wa Data wa twese, bizobana natwe mu vy’ukuri no mu rukundo.


Aca i Siriya n’i Kilikiya, aremesha amashengero.


Bashitse i Yerusalemu, ishengero n’intumwa n’abakuru barabākīra, na bo babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose.


Maze haza abantu bamwe bavuye i Yudaya bigisha bene Data, bati Ni mutākebga, nk’uk’ umugenzo wa Mose uri, ntimuzoruha mukizwa.


Bashitseyo bakoranya ishengero, babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose, n’ingene yugururiye abanyamahanga urugi rwo kwizera.


Yamar’ ivy’ abizeye bo mu banyamahanga, twanditse dushinze ko birinda kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, bo n’amaraso, bo n’ibinizwe, birinde no gusambana.


Tubonye i Kupuro tuhasiga i bumoso, tuja i Siriya, dufata muri Tiro: kukw ari ho bari bagabiye gukūrira ibintu mu bgato.


Paulo amaray’ iyindi misi myinshi hanyuma y’ivyo, maz’ asezera bene Data, avudukayo ari mu bgato ngw aje i Siriya, Purisikila na Akwila bajana na we, amaze kwikemuriza i Kenkireya: kuko yari mw isezerano.


Bumvise ivyo barīhorera, bahimbaza Imana, bati Noneho rer’ Imana ihaye n’abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo.


Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bātewe n’indwara zitari zimwe n’ibibasheshereje, n’abinjiwemwo n’abadayimoni, n’abarwaye intandara, n’ibimuga; arabakiza.


Ariko hava hasi abantu bamwe bo mw isinagogi y’Abaliberutino, n’iy’ Abanyakurene n’iy’ Abanyalekisanderiya, n’iy’ Abanyakilikiya, n’iy’ Abanyasiya, baja impāri na Stefano,


Ariko hāri bamwe muri bo b’abagabo bavuye i Kupuro n’i Kurene bashitse muri Antiyokiya babarira n’Abagiriki na bo, bababgira ubutumwa bgiza bg’Umwami Yesu.


Maze Paulo na Barunaba bamaze kugira ibihāri n’imibūrano itari mike n’abo bantu, abaho bahūza inama gutuma Paulo na Barunaba n’abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n’abakuru kubg’ iyo mibūrano.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite