Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Maze Paulo na Barunaba bamaze kugira ibihāri n’imibūrano itari mike n’abo bantu, abaho bahūza inama gutuma Paulo na Barunaba n’abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n’abakuru kubg’ iyo mibūrano.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Maze Pawulo na Barunaba binjira mu bihari bikomeye n’abo bantu. Nuko ishengero rica rirungika Pawulo na Baranaba, baherekejwe n’abandi bizera b’iryo shengero, ngo baduge i Yerusalemu, kugira ngo bashikirize ico kibazo intumwa n’abakuru b’ishengero.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:2
20 Referans Kwoze  

Abo ntitwabumviye na gatoya ngo tuganzwe na bo; kugira ng’ ukuri kw’ubutumwa bgiza kugume muri mwebge.


Kuko nibgira yukw izo ntumwa zihambaye cane ata co zindusha na gatoya.


Bashitse i Yerusalemu, ishengero n’intumwa n’abakuru barabākīra, na bo babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose.


Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli.


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


Jewe Paulo, nahamagariwe kuba intumwa ya Yesu Kristo, nk’ukw Imana yagomvye, na Sositene mwene Data,


Bukeye bg’aho Paulo yinjirana natwe kwa Yakobo, abakuru bose ni ho bāri bari.


Bariko baraca mu bisagara, bagenda bababgira ivyo intumwa n’abakuru b’i Yerusalemu bāshinze, ngo bavyitondere.


Nukw abo dutumye ni Yuda na Sila, na bo ubgabo bazobabarira mu rurimi bimwe n’ibi.


duhūje inama dushimye gutoranya abo bantu no kubatumana kuri mwebge n’abo dukunda Barunaba na Paulo,


Mpwemu ambarira kujana na bo, ata tandukaniro. Kandi na bene Data aba, ukw ari batandatu, turajana, twinjira mu nzu y’uwo mugabo.


Maz’ arabinjiza, abaha indāro. Bukeye bg’aho, Petero arīkora, avanayo na bo, na bene Data bamwe b’i Yopa bajana na we.


Uhoraho abarira Samweli, ati Ni wemerere abo bantu ico bakwātse cose, kukw atari wewe banse, ariko ni jewe banse ngo simbe Umwami wabo.


Nuko ni wabigenza urtyo, Imana ikabikwemerera, bizogushobokera, n’ aba bantu bose bazohora bataha i wabo ata mwikomo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite