Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Nuko rer’ inama yanje n’uko tureka kugora abo mu banyamahanga bahindukirira Imana,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Ni co gituma mbona tudakwiye kuremera Abanyamahanga bariko bahindukirira Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:19
12 Referans Kwoze  

Kuko Mpwemu Yera bimubereye vyiza, natwe n’uko, kutabīkoreza uwundi mutwaro urenze ibi bikwiye:


Kuko bose bīvugira ubgabo inkuru z’ingene twaje muri mwebge, kand’ ingene mwahindukiriye Imana, mugaheba ibigirwamana, ngo mukorere Imana nyakuri kandi nzima,


Kuko twumvise yuko bamwe bāvuye muri twebge bābahagarikishije imitima amajambo, bakayisangangura, kandi tutābibageze;


Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana.


Mujane amajambo yo kwisaba mugaruke k’Uhoraho; mumwinginge, muti N’uduharire ibigabitanyo vyose, uduhangaze: muti Mu gishingo c’amapfizi tuzogushikanira ibimazi vy’iminwa yacu.


umunyavyaha n’areke inzira yiwe, ūgabitanya areke ivyiyumviro vyiwe: agaruke k’Uhoraho, na we aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kukw ikunda guharira.


kand’ ari co coshimishije abīgira bene Data bānyegetejwe mw ishengero, binjiye mu mpisho ngo batate ukwidegemvya kwacu dufise muri Kristo Yesu, kugira ngo badushire mu buja.


None rero n’iki gitumye mugerageza Imana, mwikoreza abigishwa imitwaro ba sogokuruza batāshoboye kwikorera canke twebge?


Kandi bābariwe ivyawe, yuko wigisha Abayuda bose bari mu banyamahanga guheba ivya Mose, ukavuga ngo ntibakwiye gukeba abana babo canke kugendera mu migenzo yacu.


Yamar’ ivy’ abizeye bo mu banyamahanga, twanditse dushinze ko birinda kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, bo n’amaraso, bo n’ibinizwe, birinde no gusambana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite