Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kugira ngw amasigarira y’abantu baronderane Uhoraho N’amahanga yose yitirirwa izina ryanje,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 kugira ngo abandi bantu bose baze barondere Uhoraho, barimwo n’Abanyamahanga bitirirwa izina ryanje, ni ko Uhoraho abikora avuze,’

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:17
32 Referans Kwoze  

Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Nabaririkijwe n’abatānyibaza; nabonywe n’abatāndondeye; nabariye ihanga ritāmbaje izina ryanje, nt’ Ehe rāba, ndi hano.


Ni jewe nzomwibibira mu gihugu; kandi Ntambabazi nzomugirira imbabazi, mbarire Sabantubanje, nti Mur’ abantu banje; na bo bazovuga, bat’ Ur’ Imana yacu.


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


n’umuntu wese yitirirwa izina ryanje, uwo naremeye icubahiro canje: naramubumvye, mbere naramuremye.


N’iki cotuma uba nk’ umuntu atamāriwe, nk’umuhizi ayobewe gukiza? Yamara wewe Uhoraho, uri hagati muri twebge, kandi twitiriwe izina ryawe: ntuduhebe.


Maze kur’ uwo musi igishitsi ca Isayi kizoba gihagaritswe no kubera amoko ibendera, ico gishitsi ni co amahanga azobariritsa: kand’ uburuhukiro bgiwe buzogira icubahiro.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, bitororēra umuntu, canke ngo bitenyenyere abantu.


kugira ngo begukire amasigarira y’Abanyedomu, n’amahanga yose yitirirwa izina ryanje, ni k’Uhoraho agize, kand’ akora ivyo.


Kand’ umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa: kuko ku musozi Siyoni n’i Yerusalemu hazoba agakiza, nk’uk’ Uhoraho yavuze, kandi mu masigarira hazobamw’ abo Uhoraho azoba ahamagaye.


Bgirukiro wumve; Bgirukiro uharire; Bgirukiro utege ugutwi ugire ico wokora, ntutebe; bibe kubgawe, Mana yanje, kuk’ umurwa wawe n’abantu bawe vyitirirwa izina ryawe.


Kand’ ababa kw isi bose ibagereranya n’ubusa, kand’ ikora ukw igomba mu ngabo zo mw ijuru, no mu baba kw isi; kandi nta wushobora kubuza ukuboko kwayo, canke kuyibaza, at’ Ukora iki?


Yongera kuvugishwa, at’ Emwe n’ibara! Ni nde azoshobora kubaho, igihe Imana izokora ivyo?


Ukw abe ari ko bashira izina ryanje ku Bisirayeli; nanje nzobaha umugisha.


umumarayika yandokoye mu vyago vyose, ihe aba bahungu umugisha; ni bitirirwe izina ryanje, n’irya sogokuru Aburahamu n’irya data Isaka; barakarondoka, babe benshi cane mw isi.


Kand’ amahanga yose yo kw isi azobona yuko mwitiriwe izina ry’Uhoraho, abatinye.


Twahindutse nk’abatigeze kuganzwa nawe, nk’abatigeze kwitirirwa izina ryawe.


Si bo barogota kw izina ryiza mwitirirwa?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite