Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ariko twizeye yuko tuzokizwa n’ubuntu bg’Umwami Yesu nka bo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ahubwo twizera ko twese dukizwa n’ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:11
14 Referans Kwoze  

batsindanishirizwa n’ubuntu bgayo, ibibahereye ubusa, kubgo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesu:


Kuk’ ubuntu bg’Imana bgaserutse, buzanira abantu bose agakiza,


Ariko tuzi yuk’ umuntu adatsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe, arikw atsindanishirizwa no kwizera Yesu Kristo. Natwe twizeye Kristo Yesu, ngo kwizera Kristo kube ari kwo kudutsindanishiriza, atar’ ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe; kukw ata muntu atsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe.


Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, n’urukundo rw’Imana, n’ubumwe buva kuri Mpwemu Yera, bibane namwe mwese.


Kuko muzi ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yar’ umutunzi, yahindutse umworo kubganyu, kugira ng’ubgoro bgiwe bubatungishe.


Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.


Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.


Arikw ingabire y’Imana ntimera nka ca gicumuro. Kw igicumuro c’umwe catumye abenshi bapfa, ubuntu bg’Imana n’ingabire y’ubuntu bg’umuntu umwe Yesu Kristo vyarushirije gusāguka kuri benshi.


Ndatangaye yuko muriko murareka vuba murtyo Iyabahamagaye kubg’ ubuntu bga Kristo, mukemera ubutumwa bunyuranye n’ubgo,


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite