Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 None rero n’iki gitumye mugerageza Imana, mwikoreza abigishwa imitwaro ba sogokuruza batāshoboye kwikorera canke twebge?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 None rero, ni kubera iki mugomba kugerageza Imana mu kuremeka abigishwa imitwaro twebwe ndetse na ba sogokuruza tutashoboye kwikorera?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:10
11 Referans Kwoze  

Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo: nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzīngīrwa n’ugutwazwa ituntu n’ubuja.


Kandi bahambira imitwaro iremereye igoye itwara, bakayikoreza abantu ku bitugu, arik’ ubgabo ntibagomba kuyikozako n’urutoke.


ariko none, ko mwamenye Imana, cane‐cane ko mwamenywe na yo, n’iki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyi‐goyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha?


ni ryo kigereranyo c’igihe ca none, abakurikira ivyagezwe vyaryo bashikana amashikanwa bagatanga ibimazi, ariko ku ruhande rw’ijwi ryo mu mutima ntibishobora gutunganya ūsenga,


Ariko Ahazi arishura, ati Sinocaka, kandi sinogerageza Uhoraho.


Aho ba sogokuruza banyu bangeragereje bancaca, Bakabona ibikorwa vyanje imyaka mirongwine.


Yesu aramubgira, ati Vyongeye haranditswe, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe.


Maz’ abantu batonganya Mose, bati Duhe amazi, tunywe. Mose arababaza, ati Muntonganiriza iki? N’iki kibateye kugerageza Uhoraho?


Petero aramubaza, ati N’iki gitumye muhūza inama kugerageza Mpwemu w’Umwami Imana? Ehe ibirenge vy’abahejeje guhamba umugabo wawe biri ku rugi, nawe barakujana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite