Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 14:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 I Lusitira hār’ umugabo yar’ aremaye ibirenge uhereye aho yakaviriye mu nda ya nyina, nta ho yari yarigeze gutambuka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 I Lusitira hari umugabo yama yicaye kuko yari amugaye ibirenge. Yari yavutse amugaye, ntiyari yarigeze atambuka.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 14:8
9 Referans Kwoze  

Hār’ umuntu yaremaye ibirenge uhereye kuva mu nda ya nyina, yama aterurwa, bakamushira kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza uko bukeye, kugira ngw asēge abinjira mu rusengero.


uyu musi ko ducunaguzwa ivyo twagiriye neza umuntu yanyogomba, kandi n’icamukijije,


Uno arwaye aramwishura, ati Mugenzi, nta muntu mfise wo kunyinikīra mu kidengeri iy’amazi azīkurutse: kuko ngira ngo ndaza uwundi akantanga gushungurukiramwo.


barabimenya, bahungira i Lusitira n’i Derube, ibisagara vy’i Lukawoniya, no mu gihugu gihereranye na ho:


Bamaze kuvuga ubutumwa bgiza mur’ ico gisagara no guhindura benshi abigishwa, basubira i Lusitira no muri Ikoniyo no muri Antiyokiya,


Nukw ashika i Derube n’i Lusitira; hāriy’ umwigishwa yitwa Timoteyo, umwana w’Umuyudakazi umugore yizeye, ariko se yar’ Umugiriki:


no guhamwa, n’imibabaro, nk’ivyambereyeko muri Antiyokiya no muri Ikoniyo n’i Lusitira; ivyo nihanganiye vyose mpamwa, kandi vyose Umwami wacu arabinkiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite