Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 14:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Arikw abantu bo mur’ ico gisagara bīrema ibice, bamwe baherēra ku Bayuda, abandi ku ntumwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Maze abantu bo muri ico gisagara bicamwo imigwi, bamwe begamira Abayuda, abandi begamira intumwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 14:4
18 Referans Kwoze  

Maze bamwe bemera ivyo avuze, abandi ntibāvyemera.


Ariko bamwe bikomantaje imitima, b’intumva, batukira Inzira ya Yesu imbere y’abantu, ava muri bo, arobanura abigishwa, uko bukeye ahārīrira mu nzu yo kwigishirizamwo ya Turano.


Arikw intumwa, Barunaba na Paulo, bavyumvise, bītantamurirakw impuzu zabo, bītera mu bantu, basemerera,


Ntitwokwemerewe kujana abagore bacu ari bene Data nk’ukw izindi ntumwa zikora, na bene nyina w’Umwami wacu, na Kefa?


Bariko barasenga Umwami Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera aravuga, ati Ni mundobanurire Barunaba na Sauli bankorere igikorwa nabahamagariye.


Ishengero riramupfa,


Simeyoni arabahezagira, abgira nyina Mariya, at’ Umve, uyu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, no kuzoba ikimenyetso kigawa,


Kuk’ umuhungu akēngēra se, umukobga agahagurukira nyina, umukazana agahagurukira inabukwe; kand’ abansi b’umuntu bakaba abo mu rugo rwiwe.


Arikw Abayuda babonye ishengero ryinshi, buzura ishari, bahakanya ivyo Paulo avuze, barabicokora.


Arikw Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, n’abakuru bo mur’ ico gisagara, bavyurira akadenderezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntāra yabo.


Arikw Abayuda banse kwumvira ivyo, bavyura urwanko mu mitima y’abanyamahanga ngo bagirire inabi bene Data.


Kand’ abanyamahanga, bo n’Abayuda n’abashingantahe babo baja kubatera ngo babagirire nabi babicishe amabuye;


Maze haza Abayuda bavuye muri Antiyokiya no muri Ikoniyo; bamaze kwosha ishengero, batera Paulo amabuye, bamukwegera inyuma y’igisagara, bagira ngo yāpfuye.


Namwe bene Data, mwīgānye amashengero y’Imana y’i Yudaya, ari muri Kristo Yesu, kukw ivyo mwābabajwe n’ubgoko bganyu ari bimwe n’ivy’ abo bābabajwe n’Abayuda,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite