Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 14:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kandi bamaze kubatorera abakuru mu mashengero yose, no gusenga bisonzesha, babaragiza Umwami Yesu, uwo bizeye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Pawulo na Barunaba, bamaze gusenga no kwisonzesha, baca bagena abakuru b’amashengero yose, babaragiza Umwami Yesu bari bizeye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 14:23
28 Referans Kwoze  

Icatumye ngusiga i Kirete kwar’ ukugira ng’ utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’ uhashinge abakuru b’ishengero, nk’uko nabikubariye:


Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli.


muri mwebge namba harih’ ūrwaye, n’atumekw abashingantahe b’ishengero, baze kumusengera, bamusīge amavuta ya elayo mw izina ry’Umwami wacu.


kand’ ivyo wanyumvanye mu maso y’ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha n’abandi.


Kandi none mbaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bgayo, rishobora kububaka no kubahēra ibiragwa hamwe n’abejejwe bose.


Ntukagire umuntu wihutira kurambikakw ibiganza, kandi ntugafatanye n’abandi mu vyaha vyabo. Uze wame wirinda ubuhumane.


Ar’i Mileto atuma muri Efeso, atumakw abakuru b’ishengero.


Jewe umushingantahe ndakwandikiye Gayo umukundwa, nkunda vy’ukuri.


Jewe umushingantahe ndakwandikiye, mukamakare watoranijwe, mwe n’abana bawe abo nkunda vy’ukuri; kandi si jewe jenyene mbakunda, ariko n’abazi ukuri bose barabakunda,


Abashingantahe b’ishengero bo muri mwebge ndabahanūra, kuko nanje nd’ umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’ icabona c’imibabaro Kristo yababajwe, kandi mfatanije namwe ubgiza buzohishurwa.


Ntuhambarire umutāma, arik’ umuhanūre nka so, n’abakiri bato n’imisore ubahanūre nka bene nyoko,


Nukw intumwa n’abakuru bakoranira hamwe kuja inama y’iryo jambo.


Bashitse i Yerusalemu, ishengero n’intumwa n’abakuru barabākīra, na bo babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose.


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.


bandika icete, barakibarungikana, canditswe girtya, ngw Intumwa na bene Data bakuru turabatasha mwebge bene Data bo mu banyamahanga bari muri Antiyokiya n’i Siriya n’i Kilikiya.


bavudukayo bari mu bgato bafata muri Antiyokiya, aho bāri barazigamishirijwe ubuntu bg’Imana ubga mbere ku gikorwa baheraheje.


utanguriye ku kubatiza kwa Yohana ukageza ku musi yadukūriwemwo, adūganywe, umwe muri bo akwiye kuba icabona hamwe natwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.


Yesu amaze gusemerera n’ijwi rirenga, aravuga, ati Data, mu maboko yawe ni ho nshize ubugingo bganje. Ahejeje kuvuga artyo aracīkāna.


Atoranya icumi na babiri bo kubana na we, maze ngw abatume kwigisha,


kandi yamaze imyaka mirongumunani n’ine ar’ umupfakazi, ntiyava mu rusengero gusenga, yisonzesha yinginga, ku murango no mw ijoro.


Barasenga, bati Mwami, ni wewe uzi imitima y’abantu bose, none werekane uwo utoranije mur’ aba bompi


Kandi si co gusa, ariko na kare uwo ni we yatoranijwe n’amashengero kwama ajana natwe kubg’ ico gikorwa c’ubuntu, ubgo tugabura ng’ Umwami wacu ashimishwe, kandi ngo twerekane umutima wacu k’ubikunze.


Ariko ben’ urya ntakūrwamwo n’ikindi atar’ ugusenga no kwisonzesha.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite