Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 14:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Maze haza Abayuda bavuye muri Antiyokiya no muri Ikoniyo; bamaze kwosha ishengero, batera Paulo amabuye, bamukwegera inyuma y’igisagara, bagira ngo yāpfuye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Maze haca haza Abayuda bari bavuye i Antiyokiya no muri Ikoniyo, bosha abari aho bose, batera amabuye Pawulo, bamukwegera inyuma y’igisagara bibwira ko yapfuye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 14:19
26 Referans Kwoze  

no guhamwa, n’imibabaro, nk’ivyambereyeko muri Antiyokiya no muri Ikoniyo n’i Lusitira; ivyo nihanganiye vyose mpamwa, kandi vyose Umwami wacu arabinkiza.


Ibihe bitatu nakubiswe ingāge; igihe kimwe natewe amabuye; ibihe bitatu ubgato bgarammenekanye, naraye mw idamba nirirwaho;


Kand’ abanyamahanga, bo n’Abayuda n’abashingantahe babo baja kubatera ngo babagirire nabi babicishe amabuye;


Arikw Abayuda babonye ishengero ryinshi, buzura ishari, bahakanya ivyo Paulo avuze, barabicokora.


N’abakozi ba Kristo? (Mvuga nk’umusazi) ndabarusha. Ndabarusha mu butame, ndabarusha gushirwa mu mabohero, ndabarusha mu gukubitwa kurenze urugero: kenshi nari mw irinde ry’urupfu.


bamuhindira inyuma y’igisagara, bamwicisha amabuye; kand’ abāmwagirije bāri bafashije hasi imitamana yabo imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sauli.


Uko bukeye ndapfa, indahiro ndahiye ni mwebge vyirato vyanje, ivyo mfise muri Kristo Yesu Umwami wacu.


Arikw Abayuda b’i Tesalonike bamenye yukw ijambo ry’Imana rivugwa na Paulo i Beroya kandi, bajayo na ho, bavyura imivurungano mu bantu, babahagarika imitima.


nanje nzomwereka imibabaro ukw ingana azoba akwiye kubabazwa ahōrwa izina ryanje.


Kandi hamwe amaraso y’uwagushingira intahe Stefano yava, nanje ni ho nari mpagaze, mbishimye, nsanze impuzu z’abāmwica.


Bamaze kuvuga ubutumwa bgiza mur’ ico gisagara no guhindura benshi abigishwa, basubira i Lusitira no muri Ikoniyo no muri Antiyokiya,


Azotabga nk’uko bata indogoba, bamukweze bamushiburiye inyuma y’ibirimba vy’i Yerusalemu.


Ariko bo bavuduka i Peruga, bararamiriza, bashika muri Antiyokiya h’i Pisidiya; ku musi w’isabato binjira mw isinagogi, baricara.


Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw isinagogi y’Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera.


Arikw Abayuda banse kwumvira ivyo, bavyura urwanko mu mitima y’abanyamahanga ngo bagirire inabi bene Data.


Arikw abantu bo mur’ ico gisagara bīrema ibice, bamwe baherēra ku Bayuda, abandi ku ntumwa.


Aho bāvuga ayo majambo, hāri hasigaye gatoya ntibabe bakibuza ishengero kubacumitira ikimazi.


bavudukayo bari mu bgato bafata muri Antiyokiya, aho bāri barazigamishirijwe ubuntu bg’Imana ubga mbere ku gikorwa baheraheje.


abantu bāhevye amagara yabo kubg’ izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.


nari mu ngendo kenshi, mw irinde ry’inzūzi, mw irinde ry’abambuzi, mw irinde ry’ubgoko bgacu, mw irinde ry’abanyamahanga, mw irinde ryo mu bisagara, mw irinde ryo mu bugaragwa, mw irinde ryo mu kiyaga, mw irinde ryo mu bīgira bene Data;


Namwe bene Data, mwīgānye amashengero y’Imana y’i Yudaya, ari muri Kristo Yesu, kukw ivyo mwābabajwe n’ubgoko bganyu ari bimwe n’ivy’ abo bābabajwe n’Abayuda,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite