Ivyakozwe 14:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)17 Ariko ntiyabirekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, ibahāza ivyo kurya, yuzuza imitima yanyu umunezero. Gade chapit laBibiliya mu Kirundi coroshe17 Ariko ntiyigeze ihengeshanya kubiyereka mu vyiza yabakorera: yabaha imvura iva kw’ijuru n’umwimbu mwinshi mu gihe cavyo, ibaha ivyokurya bikwiye, ikuzuza imitima yanyu umunezero.” Gade chapit la |
Batsinda ibisagara bikomeye bifise inzitiro z’amabuye, bashikīra n’intāra zimera cane, binjira n’amazu yuzuye ivyiza vyose, bashikīra n’ ivyobo vyimbiwe kubīka amazi, n’imirima y’imizabibu n’iy’ imyelayo, n’ibindi biti vyama vy’isinzi, bararya barahāga baravyibuha, bidibamira mu vyiza vyose wabahaye.