Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 14:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 bati Yemwe bagabo, n’iki gitumye mugira murtyo? Natwe tur’ abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabgira ubutumwa bgiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 “Mbega bagenzi, ivyo bintu mubikorera iki? Erega turi abantu nka mwebwe! Twabazaniye Ubutumwa Bwiza, bubabwira guhindukira mukava mu bitagira ikimazi, mukaza ku Mana nzima, yaremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 14:15
67 Referans Kwoze  

Eliya yar’ umuntu ameze nkatwe, asaba yinginga ngw imvura ntigwe, imvura imara imyaka itatu n’amezi atandatu itagwa mu gihugu;


Nuko, ku vyo kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, turazi yukw igishushanyo atar’ ikintu mw isi, kandi yukw ata mana yindi iriho, atar’ Imwe.


Maze Petero amukūra hasi, ati Va hasi, nanje nd’umuntu nkawe.


Ntimukikame ngo mukurikire ivy’ impfagusa bidashobora kugira ikimazi canke gukiza, kukw ar’ ubusa gusa.


Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.


Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.


Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi.


Kuko bose bīvugira ubgabo inkuru z’ingene twaje muri mwebge, kand’ ingene mwahindukiriye Imana, mugaheba ibigirwamana, ngo mukorere Imana nyakuri kandi nzima,


Ni co gituma mvuga ibi, nkabishingira intahe mu Mwami wacu, ngo ntimube mukigenda nk’ukw abanyamahanga bagenda, bagendera mu bitagira ikimazi vyo mu bgenge bgabo,


Aberekeza umutima ku bitagira ikimazi vy’ibinyoma Baba bataye guharirwa.


Ati Bantēje ifūhe ibitar’ Imana; Bandakishije ibigirwamana vyabo vy’ubusa: Nuko nanje nzobatēza ishari abatar’ ihanga ry’ukuri, Nzobarakisha ihanga ry’imburabgenge.


Na bo bavyumvise bavuga n’ijwi rirenga, babgira Imana n’umutima uhūye, bati Databuja, ni wewe waremye ijuru n’isi, n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,


Simoni Petero aramwishura, at’ Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.


nt’ Ewe Mwami Uhoraho! Erega ni wewe waremye ijuru n’isi, ubiremesha ubushobozi bgawe buhambaye, n’ukuboko kwawe kurāmvuye: nta kintu na kimwe kikunanira.


Nanka abashira imitima ku bitagira ikimazi vy’ibinyoma, Ariko jeho nizigira Uhoraho.


kukw imisi itandatu ari yo jewe Uhoraho naremyemw’ ijuru n’isi n’ikiyaga n’ ibiri muri vyo vyose, nkaruhuka ku musi ugira indwi: ni co catumye jewe Uhoraho mpezagira umusi w’isabato, nkaweza.


Bene Data, ni mwirinde, ntihagire uwo muri mwebge agira umutima mubi utizera, umutera kureka Imana nzima.


ariko ni naba ngitevye n’ukugira ng’uz’ umenye uko bikwiye kugenzwa mu ngoro y’Imana, ni yo shengero ry’Imana nzima, vyongeye ni yo nkingi ishigikiye ukuri.


Bamaze kuvuga ubutumwa bgiza mur’ ico gisagara no guhindura benshi abigishwa, basubira i Lusitira no muri Ikoniyo no muri Antiyokiya,


Ūvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; arik’ ūrondera icubahiro c’uwamutumye, ni we w’ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we.


Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku Bisirayeli. Uku ni k’Uhoraho agize, uwāgānuye amajuru agashirah’ itanguriro ry’isi, akarema impwemu yo mu muntu,


Ariko bose uko bangana n’ibiyingiyingi n’ibipfu; ukwigisha kw’igishushanyo guhwanye n’igiti buti.


Umve, ijwi ry’ugutakamba kw’umukobga, ari we bgoko bgacu, rituruka hirya no hino mu gihugu, riti Mbeg’ Uhoraho ntakiba i Siyoni? Mbeg’ Umwami waho si ho akiri? Mbega na bo n’iki catumye bandakisha ibishushanyo vyabo bibājwe, n’ ivy’ imburakimazi vy’ivyaduka?


Maze bakayishira ku bitugu bakayirerura, bakayishinga mu kibanza cayo, igahagararaho ntisegenye; mbere nah’ umuntu yoyitakambira, ntiyoshobora kumwishura, canke ngw imukize amagorwa yiwe.


Ni mukorane, ni muze, mwīgirire hafi hamwe, mwebge abarokotse bo mu mahanga: abīkorera igiti c’ikigirwamana cabo c’ikibāzano, bagasenga imana idashobora gukiza, nta bgenge bagira.


Uku ni k’Uhoraho agize, uwaremye amajuru, ni we Mana; uwabumvye isi akayirema; yarayikomeje, ntiyayiremye ngw ibek’ ubusa gusa, ariko yayibumvye kugira ngw ibekw abantu: ati Ni jewe Uhoraho, kandi nta wundi.


Ugutabarwa kwacu kubonerwa mw izina ry’Uhoraho Yaremye ijuru n’isi.


Ijambo ry’Uhoraho ni ryo ryāremye ijuru, Impwemu zo mu kanwa kiwe ni zo zāremye ingabo zose zo kuri ryo.


Muti Ni nde mu baremwe bose yigeze kwumva ijwi ry’Imana nzima rivugira hagati mu muriro, nk’uko twebge turyumvise, agaheza akabaho ntapfe?


Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So, abavugishwa n’Imana, n’uw’ abitondera amajambo y’iki gitabo. Imana ba ari yo usenga.


Mbona ca gikōko n’abami bo kw isi n’ingabo zabo bakoraniye kurwanya ūvyagiye kuri ya farasi n’ingabo ziwe.


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


Nuko ni muhūmure, yemwe bagabo, kuko nizeye Imana, yuko bizoba nk’uko nabariwe.


Bamaze igihe kirekire batakirya, Paulo ahagarara hagati muri bo, arababarira, ati Yemwe bagabo, mwāri mukwiye kunyumvira, ntimuve i Kirete, ngo mugire ibi vyago n’ubuhombe.


arababarira, ati Yemwe bagabo, mbonye yuk’ uru rugendo rugira rubemw’ ivyago n’ubuhombe bginshi, s’ivy’ ubgato n’ibirimwo gusa, ariko n’ivy’ amagara yacu na yo.


arabasohokana, arababaza, ati Bagenzi, nkwiye gukora iki ngo nkire?


bagumayo bavuga ubutumwa bgiza.


Natwe turababgira ubutumwa bgiza bg’ivyasezeraniwe ba sogokuruza,


Bukeye bg’aho, asanga abarwana, ageza kubatātūra, ati Yemwe bagabo, mur’ umuryango umwe, n’iki gitumye mugiriranira nabi?


Nk’uko Se ari n’ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubugingo muri we na we.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abayuda, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bātītūye ivyagezwe vyanje, jewe Uhoraho, ntibitondere amabgirizwa yanje, kand’ ibigirwamana vyabo vy’ibinyoma vyarabajimije, ari vyo ba sekuruza babo nyene bākurikira.


Nshinze icagezwe ngo mu bgami bganje iyo buva bukagera, abantu bahindire agashitsi imbere y’Imana ya Daniyeli, bayubahe: kukw iyo ari yo Mana nzima, ihora ihangamye ibihe vyose; ubgami bgayo ntibuzokwigera buhangūra, kand’ ingoma yayo izoshika no kw iherezo.


Tega ugutwi Uhoraho, wumve; tereza inyonga zawe Uhoraho, witegereze; wumve amagambo ya Senakeribu yatumye ino kugutuka wewe Mana nzima.


Ngo Kumbure Uhoraho Imana yawe yokwumva amagambo yose ya Rabushake, ayo shebuja umwami w’i Ashuri yamutumye gutuka Imana nzima, Uhoraho Imana yawe akamuhana kubg’ ayo magambo yumvise. Ngo Nuko rero, shirak’ usenge, usabire amasigarira agisigaye.


kuko yagendera mu ngeso zose za Yerobowamu mwene Nebati, no mu vyaha vyiwe yakora abikwegeramwo n’Abisirayeli, bigatuma batera umwikomo Uhoraho Imana yabo, bakamurakisha ibishushanyo vyabo.


kubg’ ivyaha vyose vya Bayasha n’ivy’ umuhungu wiwe Ela, ivyo bākoze, bakabikwegeramwo n’Abisirayeli, bagatera umwikomo Uhoraho Imana y’Abisirayeli, bakamurakisha ibishushanyo vyabo.


Non’ umusavyi wawe ko namaze kwica intambge n’idubu, n’uwo Mufilisitiya w’intakebga azopfa nka kimwe muri vyo, kuko yacōkōye ingabo z’Imana nzima.


Maze Dawidi abaza abantu bahagaze i ruhande yiwe, at’ Uwokwica uwo Mufilisitiya, agakūra igitutsi ku Bisirayeli, bomugororera iki? Mbeg’ uwo Mufilisitiya w’intakebga n’iki, ah’ acōkōra ingabo z’Imana nzima?


Araheza aravuga, at’ Iki ni co kigira kibamenyeshe yukw Imana nzima iri muri mwebge, kandi yukw itazobura kwirukana Abanyakanani imbere yanyu, bo n’ Abaheti n’Abahiwi n’Abaferizi n’Abagirugashi n’Abamori n’Abayebusi.


Yosefu yishura Farawo, ati Si jewe mbishobora, Nyaguhora ku ngoma, Imana ni yo ija kukwishura ivy’amahoro.


Muhawe umugisha n’Uhoraho, Yaremye ijuru n’isi.


Rurema ni yo yaremesheje isi ubushobozi bgayo, ikayihamangirisha ubgenge bgayo, ikagaranzuza ijuru ukumenya kwayo:


bati Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’ icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite