Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 14:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw isinagogi y’Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Muri Ikoniyo, Pawulo na Barunaba binjira mw’isinagogi nk’uko bahora babigenza. Maze bavuga Ubutumwa Bwiza batarya umunwa, bituma Abayuda n’Abanyamahanga benshi bizera.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 14:1
33 Referans Kwoze  

Ahārīrira n’abaho mw isinagogi amasabato yose, ngo yemeze Abayuda n’Abagiriki.


Na bo babakunkumurira umukungugu wo mu birenge vyabo, baja muri Ikoniyo.


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


Bamaze kuvuga ubutumwa bgiza mur’ ico gisagara no guhindura benshi abigishwa, basubira i Lusitira no muri Ikoniyo no muri Antiyokiya,


Ntihashobora kuba Umuyuda cank’ Umugiriki, ntihashobora kuba umugurano cank’ uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo cank’ umugore; kuko mwese mur’ umwe muri Kristo Yesu.


Nta tandukaniro ry’Umuyuda n’Umugiriki: kuk’ Umwami umwe ar’ Umwami wa bose, ni we afise ubutunzi bukwiye abamwambaza bose;


Kuk’ ubutumwa bgiza butantera isoni, ar’ ubushobozi bg’Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Ivyo bimenyekana mu Bayuda no mu Bagiriki bose baba muri Efeso, bose baterwa n’ubgoba, izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru.


Yinjira mw isinagogi, amara amezi atatu avuga ashize amanga: akīranira ivy’ ubgami bg’Imana abibemeza.


Ariko Krisipo, umukuru w’isinagogi, yizerana Umwami Yesu n’abo mu nzu yiwe bose; n’Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa.


Nuko benshi muri bo barizera, n’abagore b’icubahiro b’Abagirikikazi n’abagabo batari bake.


Bamwe muri bo birabemeza, bīfatanya na Paulo na Sila, n’ishengero ryinshi ryo mu Bagiriki bubaha Imana n’uko, no mu bagore b’icubahiro batari bake.


Abāri mw isinagogi bamaze gusābagira, benshi mu Bayuda bo n’abātoye idini yabo bakubaha Imana, bakurikira Paulo na Barunaba; na bo bayāga na bo, barabahanūra ngo bashishikare kuguma mu buntu bg’Imana.


Ukuboko kw’Umwami kwari kumwe na bo, abantu benshi barizera, bahindukirira Umwami.


aca ahērakw avuga mu masinagogi ivya Yesu, yukw ar’ Umwana w’Imana.


baratabaza, bati Bagabo b’Abisirayeli, mudutabare! Nguyu wa muntu yigisha hose abantu bose, akēngereza ubu bgoko n’ivyagezwe n’aha hantu: ikigeretseko yazanye n’Abagiriki mu rusengero, yahumanije aha hantu hēra.


Nashinze intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo.


Nukw ahārīrira n’Abayuda n’abubaha Imana mw isinagogi, no mu kaguriro imisi yose ahārīra n’abāmusangaho.


Nukw ashika i Derube n’i Lusitira; hāriy’ umwigishwa yitwa Timoteyo, umwana w’Umuyudakazi umugore yizeye, ariko se yar’ Umugiriki:


Arikw Abayuda banse kwumvira ivyo, bavyura urwanko mu mitima y’abanyamahanga ngo bagirire inabi bene Data.


Maze bashitse i Salamini, bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda: kandi bāri bafise Yohana agenda arabakorera.


Hār’ Abagiriki bamwe, mu bādūze gusenga mu misi mikuru,


Maz’ Abayuda baravugana, bati Mbeg’ uyo agira aje hehe, aho twebge tutazoshobora kumubona? Agira aje mu bāsābagiriye mu Bagiriki, ngw aze yigishe Abagiriki?


aho ntihaba Umugiriki cank’ Umuyuda, uwakebge cank’ ūtākebge, ūdebagura cank’ Umusikiti, umugurano cank’ uwidegemvya; ariko Kristo ni vyose, kand’ ari muri bose.


Ariko na Tito twari kumwe ntiyagōberewe ngw akebge, naho yar’ Umugiriki,


Bimara imyaka ibiri bimeze birtyo: nukw ababa muri Asiya bose bumva ijambo ry’Umwami wacu, Abayuda n’Abagiriki.


Uwo mugore yar’ Umugirikikazi, amamo yiwe n’i Sirofoyinike: aramwinginga ngw asende dayimoni mu mukobga wiwe.


bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.


Maze haza Abayuda bavuye muri Antiyokiya no muri Ikoniyo; bamaze kwosha ishengero, batera Paulo amabuye, bamukwegera inyuma y’igisagara, bagira ngo yāpfuye.


yashimwa na bene Data b’i Lusitira no muri Ikoniyo.


no guhamwa, n’imibabaro, nk’ivyambereyeko muri Antiyokiya no muri Ikoniyo n’i Lusitira; ivyo nihanganiye vyose mpamwa, kandi vyose Umwami wacu arabinkiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite