Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ariko Eluma, uwo munyamarēba (izina ryiwe ni ko risobanurwa), arabahāririza, ashaka guhuvya ico cēgēra ngo nticizere.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko wa munyamareba Eluma (izina ryiwe ni ko risobanurwa mu Kigiriki), arabahaririza agomba guhuvya ukwizera kwa ca cariho ca Kayisari.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:8
16 Referans Kwoze  

Nk’uko Yane na Yambure bārwanije Mose, ni ko n’abo bagabo barwanya ukuri, abo n’abononekaye ubgenge, babaye ibihombe ku kwizera.


Ico cēgēra kibonye ibibaye kirizera, gitangajwe n’ivyo cigishijwe vy’Umwami Yesu.


Kand’ i Yopa hār’ umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka: uwo mugore yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira.


Kandi hāriy’ umuntu yitwa Simoni, yahora akora ivy’ amarēba mur’ico gisagara, akūmiza ubgoko bg’Abasamariya, akīyita agakomeye.


Nukw ijambo ry’Imana riragwira; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera.


Uyo abanza kurondera mwene nyina Simoni, aramubgira, ati Twabonye Mesiya (risobanurwa ngo Kristo).


Maze mur’ uyo mwaka nyene, mu matangura yo kuba ku ngoma kwa Zedekiya, umwami w’i Buyuda, ni wo mwaka wa kane, mu kwezi kwa gatanu, Hananiya mwene Azuri, kamenyi w’i Gibeyoni, ambaririra mu ngoro y’Uhoraho, imbere y’abaherezi n’abantu bose,


Maze Zedekiya mwene Kenayana yēgēra Mikaya amukubita urushi, aramubaza, at’ Iyo mpwemu y’Uhoraho yaciye hehe mu kuva muri jewe iza kuvugana nawe?


muve mu nzira mukikame, mukūre Uwera w’ Abisirayeli imbere yacu.


Maze Galiyo abaye icēgēra ca Kayisari muri Akaya, Abayuda bahūza inama bakūrira hasi Paulo, bamujana imbere y’intebe y’imanza,


Nuko Demetiriyo n’abacuzi bari kumwe na we, namba bafise uwo barega, imisi y’imanza iriho, kandi hariho n’ivyēgēra vya Kayisari, ni baregane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite