52 Abigishwa buzuzwa umunezero na Mpwemu Yera.
52 Kandi abigishwa bo muri Antiyokiya bari bafise umunezero mwishi, buzuye Mpwemu Yera.
Namwe mwaratwīgānye, mwīgāna n’Umwami wacu, mumaze kwakīrira ijambo ry’Imana mu marushwa menshi, munezerejwe na Mpwemu Yera,
Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro biva ku kwizera, kugira ngo murushirize kwizigira ibizoba, mubihawe n’ubushobozi bga Mpwemu Yera.
Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa,
Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.
Bakigeragezwa n’amarushwa menshi, umunezero wabo w’akaburarugero, n’ubgoro bgabo butagira iyo buhērwa, vyarushirije kuzana ubutunzi bg’ivy’ ubuntu bgabo.
Kandi si vyo vyonyene, ariko kandi tunezererwe n’amarushwa yacu, kuko tuzi yukw amarushwa atera ukwihangana;
Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.
Munezerwe, muhimbarwe, kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko bāhama abāvugishwa n’Imana ba mbere.
Ariko munezerezwe n’uko mufatanije n’imibabaro ya Kristo, kugira ngo no mu gihe co guhishurwa kw’ubgiza bgiwe muze munezerwe muhimbarwe.
Mwiyumvire kw ar’ ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe,
Kuk’ ubgami bg’Imana atar’ ukurya n’ukunywa, ariko n’ukugororoka, n’amahoro, n’umunezero vyo muri Mpwemu Yera.
Nuko bava mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina.
Kand’ imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, kand’ i wabo bāmanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira akarohe,
Maz’ abigishwa, umuntu wese nk’ukw atunze, bashinga kurungikira bene Data baba i Yudaya ivyo kubatabara.