Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Maze bashitse i Salamini, bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda: kandi bāri bafise Yohana agenda arabakorera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Bageze i Salamini bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda, kandi Yohana Mariko yagendana na bo abakorera.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:5
20 Referans Kwoze  

Ariko bo bavuduka i Peruga, bararamiriza, bashika muri Antiyokiya h’i Pisidiya; ku musi w’isabato binjira mw isinagogi, baricara.


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


Yinjira mw isinagogi, amara amezi atatu avuga ashize amanga: akīranira ivy’ ubgami bg’Imana abibemeza.


Ahārīrira n’abaho mw isinagogi amasabato yose, ngo yemeze Abayuda n’Abagiriki.


Nukw ahārīrira n’Abayuda n’abubaha Imana mw isinagogi, no mu kaguriro imisi yose ahārīra n’abāmusangaho.


Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw isinagogi y’Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera.


Amaze kuvyiyumvira, aja kwa Mariya, nyina wa Yohana ari we Mariko, aho bāri bakoraniye benshi, bariko barasenga.


aca ahērakw avuga mu masinagogi ivya Yesu, yukw ar’ Umwana w’Imana.


Luka gusa ni we twasigaranye. Hitana Mariko, umuzane, kukw angirira ikimazi mu gikorwa c’ibango ryanje.


Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabgirizwa ivyiwe: ni yaramuka aje i wanyu muze mumwākīre.


Barunaba agomba ko bajana na Yohana na we, ari we Mariko.


Kandi Barunaba na Sauli bava i Yerusalemu, basubira inyuma, bashikirije ivyāgabuwe, bajana Yohana, ari we Mariko.


Nukw areka kumukurikira, asubira inyuma, ahitana inka zibiri zisangiye ingōgo, arazibāga, atekesha inyama zazo ibiti vy’ingōgo zazo, agaburira abantu, bararya. Araheza ava hasi, akurikira Eliya, agenda aramukorera.


Muri mwebge si ko biri. Arik’ ūgomba kuba mukuru muri mwebge az’ abe umukozi wanyu;


Yehoshafati arabaza, ati Mbega nta wuvugishwa n’Uhoraho yoba ngaha, ngw adusigurize Uhoraho? Umwe mu bantu b’umwami w’ Abisirayeli aramwishura, ati Elisa mwene Shafati ari hano, yahora ar’ umusuku wa Eliya.


Eliya aca aterwa n’ubgoba, akūra hasi, arahunga ngw akize amagara, aja i Beri‐sheba h’i Buyuda, ahasiga umuntu wiwe.


Mose avana hasi na Yosuwa umufasha wiwe, adūga ku musozi w’Imana.


Atuma abāgenda bamukorera babiri, Timoteyo na Erasito, ngo baje i Makedoniya; ariko we, atebera muri Asiya imisi.


Maz’ igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c’ibirori, bashika Gayo na Arisitariko Abanyamakedoniya, bāgendana na Paulo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite