Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:48 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

48 Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza ijambo ry’Imana; abāri baragerewe ubugingo budashira bose barizera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

48 Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa cane, bahimbaza Ijambo ry’Umwami Imana; abari baratoranirijwe ubugingo budashira, barizera.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:48
31 Referans Kwoze  

nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.


None vyabaye bite se? Ic’ Abisirayeli bārondeye, ntibākibonye; ariko, abātoranijwe bārakironse, abandi bakomantazwa imitima.


Kandi mfise n’izindi ntama zitar’ izo mur’ uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n’umwungere umwe.


kandi s’ubgo bgoko bgonyene, ariko ngw abana b’Imana bose bari basanzaye, abakoranirize hamwe.


mumenye n’ubginshi buhebuje bg’ubushobozi bgayo ikoreshereza muri twebge abizera, nk’uko kwa gukora kw’ububasha bg’ubushobozi bgayo kungana,


Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.


Ndamubaza, nti Ngire nte ga Mwami? Umwami aranyishura, ati Va hasi, ushike i Damasiko, ni ho uzobaririrwa ivyashinzwe k’uzokora.


Kuko nanje nd’umuntu agendera musi y’abanganza, mfise abasoda ntwara: iyo mbariye umwe nti Genda, aragenda; n’uwundi nti Ngwino, akaza; nabarira umushumba wanje nti Kora iki, akagikora.


Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana.


Basezerana na we umusi, baza iy’ ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivy’ ubgami bg’Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vy’ abāvugishwa n’Imana, ahēra mu gitondo ashitsa ku mugoroba.


bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.


Ariko tweho tumwitangira imbere dutambukira mu bgato, turajabuka dufata muri Aso, aho twari tugabiye guhitana Paulo: kuko yari yabishinze artyo, kugira ngo we ace i musozi.


Maze ba bigishwa cumi n’umwe baja i Galilaya ku musozi Yesu yabarangiye;


Ndasenga ntumbereye urusengero rwawe rwera, Nshimira izina ryawe imbabazi zawe n’ukuri kwawe: Kuko washize hejuru ijambo ryawe n’izina ryawe Kubirutisha ibindi vyose.


Ibisigaye bene Data mudusengere, ijambo ry’Umwami wacu ryamamare rishimagizwe, nk’uko biri no muri mwebge,


Nuko ndabinginze, bene Data, murazi abo kwa Stefana, kw ari bo bāshuje mu Banyakaya, kandi kw ari bo bītangiye gukorera abera.


Bamaze kugisoma banezererwa iyo mpanūro.


Maze Paulo na Barunaba bamaze kugira ibihāri n’imibūrano itari mike n’abo bantu, abaho bahūza inama gutuma Paulo na Barunaba n’abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n’abakuru kubg’ iyo mibūrano.


Bariko barasohoka, barabinginga ngw ayo majambo az’ avugwe no kw isabato izoza.


Haba umunezero mwinshi mur’ ico gisagara.


Abo bazoja mu gihano kidashira, arikw abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.


Ico cēgēra kibonye ibibaye kirizera, gitangajwe n’ivyo cigishijwe vy’Umwami Yesu.


Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abāhamagawe nk’uko yabigabiye.


Kuko yagabiye kera ko duheshwa na Yesu Kristo gucika abana bayo kubgayo, nk’uko yabigomvye bikayihimbara:


Kuba mur’ uwo kwaduhesheje gucika ishamvu yayo, twashiriweho kera nk’ukw Iyo yabigabiye, ikora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima wayo iri,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite