Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:47 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Kuk’ Umwami Imana ari ko yatubariye, ati Ndagushizeho ng’ ube umuco w’amahanga, Kugira ngo n’abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Kuko Umwami yari yadutegetse ati: ‘Nagushiriyeho kuba umuco ku Banyamahanga, kugira ngo uzoshikane agakiza ku mpera z’isi.’”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:47
35 Referans Kwoze  

aravuga, ati Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihāgije: ariko kandi ndagushizeho ng’ ube umuco wākira amahanga, kugira ngo n’ abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza kanje.


ati Jewe Uhoraho naguhamagaye mu bugororotsi: nzogufata nkuzigame, ngutange ng’ ubere abantu isezerano, n’abanyamahanga ubabere umuco;


Kuba umuco wākira amahanga, No kuba ubgiza bg’abantu bawe b’Abisirayeli.


Ni muntumbere mukizwe, mwa mpera zose z’isi: kukw ari jewe Mana, ata yindi.


Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharūrika. Kand’ ahantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima.


kugira ngo begukire amasigarira y’Abanyedomu, n’amahanga yose yitirirwa izina ryanje, ni k’Uhoraho agize, kand’ akora ivyo.


Amahanga azoza ku muco wawe, n’abami bazoza ku gukayangana kwawe.


Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize Mpwemu wanje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga.


yuko Kristo atazobura kubabazwa, kandi kw ari we azobanza kuzuka mu bapfuye, no kubgira ubgoko bgacu n’abanyamahanga ubutumwa bg’umuco.


Aranyishura, ati Genda, kuko nzogutuma kure ku banyamahanga.


Umwami aramwishura, ati Pfa kugenda, kuk’ uwo muntu ar’ ikintu nītoranirije, ngw ajane izina ryanje imbere y’abanyamahanga n’abami n’Abisirayeli:


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


Arababarira, ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abāremwe bose ubutumwa bgiza.


Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’ Umwana n’irya Mpwemu Yera;


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Uhoraho akumye impuzu ku kuboko kwiwe kwera mu maso y’amahanga yose, kand’ impera z’isi zose zizobona agakiza k’Imana yacu.


kandi yuk’ ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, bitororēra umuntu, canke ngo bitenyenyere abantu.


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite