Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Bariko barasohoka, barabinginga ngw ayo majambo az’ avugwe no kw isabato izoza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Mu gihe Pawulo na Barunaba bariko barasohoka bava mw’isinagogi, abantu barabinginga ngo azogaruke ku musi w’Isabato ikurikira kugira ngo bashishikare kwigisha kuri ayo majambo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:42
7 Referans Kwoze  

Nuko mumenye yukw ako gakiza k’Imana kārungitswe ku banyamahanga: kand’ abo bazokwumva. [


Ariko bo bavuduka i Peruga, bararamiriza, bashika muri Antiyokiya h’i Pisidiya; ku musi w’isabato binjira mw isinagogi, baricara.


Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse k’uje. None rero twese turi hano imbere y’Imana, kwumva ivy’ Umwami Imana yakugeze kutubgira vyose.


Ariko benshi b’imbere bazoba ab’ inyuma, kand’ ab’ inyuma bazoba ab’ imbere.


At’ Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kukw ibikomeye vyakorewe muri mwebge iyo biba vyarakorewe muri Tiro n’i Sidoni, baba barihannye kera, bakambara amagunira, bakīsīga iminyota.


si ku mahanga menshi avuga imvugo zitumvikana n’indimi zigoye, abo mudashobora kwumvikana mu majambo. N’ukuri, iyaba ari bo ngutumyeko, bo bokwumviye.


Akibabgira ivyo, haza umukuru w’isinagogi aramupfukamira, at’ Umwana wanje w’umukobga aradēndūtse, n’uze se, umurambikekw ikiganza, asubire abe muzima.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite