Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 ngo Rāba mwa banyagakēngērwe, mutangare, muyongayonge, Kuko ngira nkore igikorwa mu gihe canyu, Igikorwa mutazoruha mwemera, nah’ umuntu yokibasobanurira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 ‘Nimwitegereze, mwa bacokoranyi mwe, mutangare maze munyike. Kuko mu gihe canyu ngiye gukora kintu, mutokwigera mwemera, naho hogira uwukibabwira.’”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:41
26 Referans Kwoze  

Enda ni murābe mu mahanga, muvyitegereze; mutangare, mwumirwe: kuko mu gihe canyu ngira nkore igikorwa mutokwemera naho mwokibarirwa.


Kukw igihe gishitse c’uk’ urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana: none ko rutanguriye kuri twebge, iherezo ry’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Imana rizomera rite?


Ukavuga, ut’ Ewe ngo ndanka guhanūrwa, N’umutima wanje ugakēngēra guhanwa;


batubuza kubarira abanyamahanga ngo bakire; na ntaryo buzuza ingero y’ivyaha vyabo. Arik’ uburake bububiriye kubamara rwose.


Kuk’ Umwami Imana ari ko yatubariye, ati Ndagushizeho ng’ ube umuco w’amahanga, Kugira ngo n’abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza.


Aranyishura, ati Genda, kuko nzogutuma kure ku banyamahanga.


Abafarisayo, bār’ abakunzi b’ubutunzi, bumvise ivyo vyose, baramutwenga cane.


Kand’ izina ryanyu muzorisigarana abo nitoranirije, barigire umuvumo, bat’ Urakicwa n’Uhoraho Imana! Maz’ abasavyi banje bazokwitwa irindi zina.


Nuko rero, nk’ukw ibirimi vy’umuriro bitongora ibirararara, kandi nk’uk’ ubgatsi bgumye bunyikira mu muriro, ni kw igishitsi cabo kizoba nk’ikibore, n’amashurwe yabo azotumuka nk’umukungugu: kuko bāgaye ivyagezwe vy’Uhoraho Nyen’ ingabo, bagakēngēra ijambo ry’Uwera w’Abisirayeli.


Kand’ umuntu wese atazokwumvira uno avugishwa n’Imana, azorandurwa mu bantu.


kuko twumvise avuga, ati Yesu Umunyanazareti azokombora aha hantu, kandi ngw azohindura imigenzo twahawe na Mose.


Abantu bahagarara barāba. Abashingantahe na bo bamutwengera mw ijigo, bati Yakijije abandi, ni yikize, namb’ ari Kristo w’Imana, uwatoranijwe na yo.


Yamara ni wabūrira umunyavyaha ivy’ ingeso ziwe, ngw ahindukire azivemwo, na we ntāhindukire ngw azivemwo; azopfira mu bigabitanyo vyiwe, ariko weho uzoba ukijije ubugingo bgawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite