Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Nuko mwiyubare, ivyavuzwe n’abavugishwa n’Imana vyoye kubashikako,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Mwiyubare rero kugira ngo ivyo abavugishwa bavuze ntibibashikeko, aho bavuga ngo:

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:40
13 Referans Kwoze  

Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana.


Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru.


Bene Data, ni mwirinde, ntihagire uwo muri mwebge agira umutima mubi utizera, umutera kureka Imana nzima.


Ariko ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe, kandi ni nde azoshobora guhagarara ah’ azoserukira? Kukw ameze nk’umuriro uvugutira ubutare, kandi nk’isabuni y’abamesuzi.


Enda ni murābe mu mahanga, muvyitegereze; mutangare, mwumirwe: kuko mu gihe canyu ngira nkore igikorwa mutokwemera naho mwokibarirwa.


tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,


Nuko rero ngira nkore igikorwa c’igitangaza mur’ aba bantu, mbere n’igikorwa gitangaje c’akumiza: ubgenge bg’abanyabgenge babo buzoherengetera, n’ ubuhanga bg’abahanga babo buzokamangana.


Yamara ni wabūrira umunyavyaha ivy’ ingeso ziwe, ngw ahindukire azivemwo, na we ntāhindukire ngw azivemwo; azopfira mu bigabitanyo vyiwe, ariko weho uzoba ukijije ubugingo bgawe.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Mu majambo y’abavugishwa n’Imana handitswe, ngo Bose bazoba abigishijwe n’Imana. Uwumvise ivya Data wese akavyiga, aza kuri jewe.


Arikw Imana irora irya, irabaheba ngo basenge ingabo zo kw ijuru: nk’uko vyanditswe mu gitabo c’abavugishwa n’Imana, ngo Mbega har’ ibitungwa bibāzwe cank’ ibimazi mwanshikaniye, Ya myaka ukw ari mirongwine yo mu bugaragwa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Amajambo y’abavugishwa na yo ahūye n’ivyo, nk’uko handitswe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite