Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivy’ Imana igomba, arasinzira, ahamvya ba sekuruza, arabora.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Dawidi amaze gukora ivyo Imana igomba mu gihe ciwe, yarasinziriye, ahambwa hamwe na ba sekuruza, umubiri wiwe urabora.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:36
33 Referans Kwoze  

Bagabo bene Data, s’ikingora kubabarira mvyeruye ivya sogokuruza mukuru Dawidi, yuko yapfuye, agahambga, n’imva yiwe iri ngaha ino muri twebge na bugingo n’ubu.


Nuko Dawidi ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku murwa i we.


Imukūye, ibahagurukiriza Dawidi kuba umwami wabo, imushingira intahe, iti Mbonye Dawidi mwene Isayi umuntu ameze nk’uk’ umutima wanje ugomba, azokora ivyo ngomba vyose.


Uti Kand’ imisi yawe ni yashika, ugahamvya ba sogokuruza, ut’ Azokwimika umwana wawe wivyariye, agusubirire mu gishingo, uti Kand’ azokomeza ingoma yiwe.


Nuko Dawidi yaganza Abisirayeli bose, agacira abantu biwe bose imanza ziroranye.


Kand’ asangwa bimeze birtyo, n’abāsinziririye muri Kristo barayogeye.


akongera akiyerekera hamwe bene Data basāga amajana atanu, mur’ abo abenshi baracariho n’ubu, ariko bamwe bārasinziriye:


Yesu aravuga, ati Ni mukūreh’ iryo buye. Marita mushiki w’uwapfuye, aramubgira, ati Mugenzi, ereg’ ubu aramaze kunuka, kw amaze imisi ine.


Bacūrirwa i kuzimu nk’umukuku w’intama, Rupfu azobaragira: Abatunganye bukeye bazobaganza; Ubgiza bgabo i kuzimu hazobuhabga ngo habumare, ntibugire aho kuba.


Nta womucungura ngw az’ abeho ibihe vyose, Yoye kubona rwa rwobo.


Bompi baryamana mu mukungugu, Inyo zikaborosa.


Nkaba mbariye rwa rwobo, nti Ni wewe data, Nkabarira n’inyo, nti Ni wewe mama, kand’ ukaba na mushikanje;


Nuko Uziya ahamvya ba sekuruza, bamuhamba hamwe na bo; mugabo bamushira ukwiwe mw itongo rihambgamw’ abami, kuko bāvuga kw ar’ umunyamibembe. Maz’ uwo muhungu wiwe Yotamu asubira ku ngoma yiwe.


Maze Yehoshafati ahamvya ba sekuruza, ahambga hamwe na bo ku murwa wa Dawidi; maz’ umuhungu wiwe Yehoramu asubira ku ngoma yiwe.


Nuko Rehobowamu ahamvya ba sekuruza, ahambga ku murwa wa Dawidi; maz’ umuhungu wiwe Abiya asubira ku ngoma yiwe.


Nuko Salomo ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku murwa wa se Dawidi; maz’ umwana wiwe Rehobowamu asubira ku ngoma yiwe.


Uti Hanyuma imisi yawe ni yashika, ukaja kwisangira ba sogokuruza, ut’ Azokwimika umwe mu bana bawe, agusubirire mu gishingo, uti Kand’ azokomeza ingoma yiwe.


kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’ urinde usubira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’ umukungugu ni wo uzosubiramwo.


Ariko bene Data, ntitugomba ko muyoberwa ivy’ abasinzira itiro ry’urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro.


kuko ntacishije i ruhande mbabgira ivy’ Imana yagabiye vyose.


Araheza arapfukama, asemerera n’ijwi rirenga, ati Mwami, ntubaharūrekw iki caha. Amaze kuvuga artyo, aca aracīkāna. Kandi Sauli na we yarabishimye ko yicwa.


Kandi mu bihe vya kera, hamwe Sauli yar’ umwami, ni wewe wajana Abisirayeli gutabara, mugatabarukana. Kand’ Uhoraho Imana yawe yarakubgiye kw ari wewe uzoragira abantu biwe b’Abisirayeli, kandi k’uzoba segaba wabo.


Atanga yīsāziye neza, ageze mu zabukuru, ar’ umutunzi n’umunyacubahiro; maz’ umuhungu wiwe Salomo asubira ku ngoma yiwe.


Bahēra kur’ uwo musi bahama cane ishengero ry’i Yerusalemu: bose basābagirira mu bihugu vy’i Yudaya n’i Samariya, ukūyemw’ intumwa gusa.


Uwo mwanya uwahawe italanto zitanu aragenda arazicurūza, yungukamw’ izindi talanto zitanu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite