35 No muri Zaburi yindi yavuze, ngo Ntuzotanga Uwera wawe ngw az’ abore.
35 Ahandi naho havuga ngo: ‘Ntuzoreka uwera wawe ngo abore.’
Kuk’ utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzokundira Uwera wawe ngw az’ abore.
Ukwizera ni kwo kwatumye Henoki ajanwa mw ijuru, ngo ntabone urupfu, kandi ntiyaboneka, kukw Imana yamujanye. Kuko yashingiwe intahe atarajanwa yuko yahimbaye Imana,
N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, ntazobona urupfu gushitsa ibihe bidashira.
Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, arik’ ūtumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik’ uburake bg’Imana buguma kuri we.
Yari yarabgiwe na Mpwemu Yera yukw atazopfa, atarabona Kristo w’Umwami Imana.
Ni nde muntu azoramba ntabone urupfu, Agakiza ubugingo bgiwe ukuboko kw’i kuzimu? Sela.
Nta womucungura ngw az’ abeho ibihe vyose, Yoye kubona rwa rwobo.